IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Venezuela: Abantu 10 bapfuye mu myiyerekano ku munsi w’amatora

Venezuela: Abantu 10 bapfuye mu myiyerekano ku munsi w’amatora

lundi 31 Mukakaro 2017

Muri abo bapfuye harimwo,umwe mu bitoza kuja muri uwo murwi ,umushingwamanza José Felix Pineda hamwe na Ricardo Campos umwe mu barongozi b’uruhande rutavuga rumwe na Reta bapfuye barashwe.

Amakuru dukesha imboneshakure y’abafaransa France 24, amenyesha ko mu murwi ujejwe gutegura amatora, bamenyesha ko abantu imiriyoni umunani aribo bonyene bashoboye kwitaba amatora,n’ukuvuga ibice 41,53 kw’ijana.

Kubwa France 24,abatavugarumwe n’ubutegetsi ari nabo biganje mu nama nshingamateka, bagiriza umukuru w’igihugu Nicolas Maduro gushaka gushiraho intwaro y’umukazo, bakavuga ko amatora yitabwe n’ibice 12 kw’ijana gusa.

Amakuru y’abishwe aremezwa kandi n’ubucamaza bw’igihugu ca Venezuela, akamenyesha ko mu bishwe harimwo n’umusirikare w’igihugu.

Mu gihe kuwa gatatu igenekerezo rya 2 Myandagaro 2017 ariho bitegekanijwe ko umurwi ufasha kurongora igihugu ushirwaho,abatavuga rumwe na Reta mu gihugu ca Venezuela bahamagariye abanywanyi babo kugira imyiyerekano kuri uno wa mbere no kuwa gatatu, mu ntumbero yo kubuza ko uwo murwi uje gufasha umukuru w’igihugu gukomeza ububasha afise no kuguma ku butegetsi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.