IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Venezuela : Abantu 68 bapfiriye mu migumuko ku kirindiro c’igiporisi

Venezuela : Abantu 68 bapfiriye mu migumuko ku kirindiro c’igiporisi

jeudi 29 mars 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umwe mu bajejwe intwaro muri ako gace ka Carabobo yavuze yuko umwe mu bapfuye harimwo umuporisi yishwe arashwe.

Ayo makuru abandanya avuga ko iyo migumuko yabereye ku kirindiro c’igiporisi ahapfungiwe abantu biyamiriza amatora bashaka gutoroka muri ico kibanza.

Bamwe mu bagore n’abana bari baje kuraba ababo, bavuze ko, igiporisi kimaze kumenya ivyahabereye caciye gikoresha ivyuka bikoroza amosozi ,kugira gihagarike ako kaguma .

Umukuru w’igihugu ca Venezuela,Nicolas Maduro, yahojeje imiryango yabuze aca amenyesha ko amatohoza agiye gutangura kugira ukuri kuvyabaye kumenyekane.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.