Venezuela : Nicolas Maduro yasubiye gutorerwa kurongora igihugu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 21 mai 2018 saa 09:23
7650
0 0

Nicolas Maduro yahora arongoye igihugu ca Venezuela, niwe yasubiriye gutorwa ngo arongore igihugu mu kiringo c’imyaka itandatu, ku majwi yababa ibice 70 kw’ijana, mu matora yabaye kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 20 Rusama 2018.

Umukuru w’umurwi utegura amatora mu gihugu ca Venezuela Tibisay Lucena, yavuze ko Nicolas Maduro yatinze amatora ku majwi 67,7 kw’ijana, mu gihe uwo bahiganwa Henri Falcón, yaronse amajwi 21,2 kw’ijana.

Naho Nicolas Maduro yatsinze amatora, amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abafaransa RFI, amenyesha ko abaye amatora ya mbere muri kahize k’igihugu ca Venezuela yitabwe n’abantu bake, kuko yitabwe gushika ku bice 46 kw’ijana gusa.

JPEG - 47.9 ko
Nicolas MADURO, Umukuru w’igihugu ca Venezuela

Nicolas Maduro yavuze ko abanyavenezuela ari inguvu z’akahise zahindutse intsinzi y’abanyagihugu, kandi ko ari intsinzi y’abanyagihugu yamaho.

Ku ruhande rwiwe, Henri Falcón yatsinzwe mu matora, amenyesha ko atemera ivyavuye mu matora, kuko yaranzwe n’utunenge, agasaba ko ayo matora asubirwamwo.

Abantu bababa imiriyoni 20 nibo bari bitavye ayo matora.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha