IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Violette UWAMAHORO yahora apfungiwe mu Rwanda yashitse mu Bwongereza

Violette UWAMAHORO yahora apfungiwe mu Rwanda yashitse mu Bwongereza

mercredi 12 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umupfasoni Violette Uwamahoro yasubiranye n’umuryango wiwe mu Bwongereza, inyuma y’igihe yari amaze apfungiye mu Rwanda, aho yafatiwe akekwa ko ivyaha birimwo gushaka gushinga mu Rwanda umugwi witwaje ibigwanisho.

Ifatwa rya Violette Uwamahoro (afise ubwenegihugu bw’Urwanda n’ubw’Ubwongereza) ryabaye mu gihe yari agiye gushingura umuvyeyi wiwe. Ukwo gufatwa kwiwe kwiyamirijwe na bamwe mu mashirahamwe aharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu, hamwe n’umuryango wiwe.

JPEG - 42.9 ko
Violette UWAMAHORO ari kumwe n’umuryango wiwe mu Bwongereza

Nk’uko tubikesha BBC, umuryango wiwe watabaje Reta y’Ubwongereza kugira igire ico ifashije, uwabo ave muco bise "ako karenganyo".

Umuvugizi wo mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubwongereza n’amakungu yavuze mu kwezi guheze, ubuserukizi bw’ico gihugu buri i Kigali bwariko buvugana n’abategetsi ku kibazo c’uwo mukenyezi.

Mu kwezi guheze niho Violette Uwamahoro asanzwe yibungenze yahabwa uburenganzira bwo kurekugwa vy’agateganyo akaburana yidegemvya.

Ariko kandi ubutungane buvuga ko bubona ata vyagiriji bifashe bishigikira ibirego vyari kuriwe.

Ntawuzi namba Ubwongereza bwarafashije kugira Violette UWAMAHORO ashobore kuva mu Rwanda, ashikire umuryango wiwe mu Bwongereza.


IGIHE

Messages

  • Raba igihugu kiri kumurongo neza,mu Rwanda ubutunganre burigenga, sinko ngaha mu Burundi,bravo le Rwanda

  • Nta gufasha kurimo nuko inzego zacu zubutabera zigenga sikimwe nizo ziwanyu zikorerwamo nabategetsi niba basanze nta bimenyetso bimuhama mubushishozi bwurukiko bamurekuye kandi mwibuke Ko yarekuwe byagateganyo.

  • Tuziko gufugwa ariyo ngingo yanyuma ya sentare, none ubwo butabera nkuko mubwita butangura kwaka umuntu uburenganzira bwiwe kandi atabimenyetso none bwari bwashingiye kubihuha vyo mwibarabara? Niba mukeneye ubutabera nyakura nimufunge umuntu inyumayo kwegeranya ivyemezo

  • @Kambale
    "Raba igihugu kiri kumurongo neza,mu Rwanda ubutunganre burigenga, sinko ngaha mu Burundi,bravo le Rwanda"

    Ubutungane kugira bwigenge n’uko buba buhari. Ico gihugu gitwarwa n’abacanyi karuhariwe bamaze imiriyoni z’abanyarwanda n’abanyekongo cogira ubutungane gute? Ntawimena igihute!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.