Vladimir Putin yavuze ko ata mugambi afise wo gucanishamwo abanyagihugu mu bihugu vya Buraya

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 6 juin 2018 saa 08:23
9255
0 0

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, yavuze ashimitse ko Uburusiya budafise umugambi wo kuryanisha abanyagihugu bo mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko yabivuze imbere y’uko ashika mu gihugu ca Autriche, mu rugendo rwiwe rwa mbere rw’uno mwaka ku mugabane wa Buraya.

Iradiyo y’abongereza BBC, ivuga ko Vladimir Putin yavugiye ku mboneshakure y’igihugu ca Autriche ORF, ko yipfuza kubona Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rigiye hamwe kandi rigatera imbere.

Umugambwe United Russia ucuditse na Vladimir Putin ufise imigenderanire n’imigambwe y’intagondwa y’i Buraya, ivyo bigatera akoba imigambwe y’abaharanira ukwishira n’ukwizana.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Vladimir Putin yaboneyeho n’akaryo ko guhakana ko umugambwe United Russia ufitaniye imigenderanire n’umugambwe w’intagondwa Freedom Party (FPÖ) wo mu gihugu ca Autriche.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha