Accueil > Amakuru > Mu makungu > Yemen : Abasirikare 40 baguye mu gitero
Yemen : Abasirikare 40 baguye mu gitero
lundi 19 Kigarama 2016, par
Abategetsi b’igisirikare ca Yemeni bamenyesha ko umwiyahuzi yaturikije bombe yica abasirikare bashika kuri 40 mu gisagara ca Aden kuri uwu w’Imana.
Abo bategetsi batangaza ko abo basirikare bishwe bari bakoraniye hamwe mw’ikambi yabo bariko barahembwa umushahara wabo.

Igisirikare ca Yemen kimenyesha kandi ko abandi basirikare bagera kuri 50 bakomeretse.
Umuhari wa Reta ya Kiyisilamu watangaje ko ariwo wiyitirira ico gitero, nk’uko VOA ibivuga.
Iyo bombe iturikijwe mu gihe hari haheze indwi hari ikindi gisasu caturikijwe n’uwo muhari nyene, muri ico gisagara ca Aden, gihitana abasirikare bagera kuri 45.
IGIHE
Messages
19 Kigarama 2016, 11:07, par Daniela
Nuruhombo,kuri,yemen,hapfuye,abasoda,beshi,kweri,nibihangane.Natwe,abarundi,turagabe,kuri,all,shabab.Muriyi,misi,irangiza,umwaka!Tube,maso.
20 Kigarama 2016, 09:41, par Nzeyimana
Bihangane ntakundi.
21 Kigarama 2016, 21:55, par MANWERI
BIHANGANE NUBUHOMBE KGIHUGU IMANA IHINDURE ABOBAKOZE IVYO BIGE GUKORANEZA