IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Yemen: Patiri Thomas Uzhannalil yarekuwe inyuma y’amezi 18 agizwe (...)

Yemen: Patiri Thomas Uzhannalil yarekuwe inyuma y’amezi 18 agizwe imbohe

jeudi 14 Nyakanga 2017

Patiri Thomas Uzhannalil ava mu gihugu c’Ubuhindi yari yanyurujwe n’abajihadisite mu kwezi kwa gatatu umwaka wa 2016, mu gihugu ca Yemen.

Yaba umushikiranganji w’Ubuhindi ajejwe imigenderanire , canke ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Yemen bemeje ayo makuru y’irekurwa rya patiri Thomas Uzhannalil.

Ahejeje kurekurwa Patiri Thomas Uzhannalil yavuze ko amagara yashimiye abafashije kugira arekurwe, ariko aca amenyesha ko amagara yiwe atifashe neza akemeye guca ku baganga bakamusuzuma.

Bitegekanijwe ko Patiri Thomas Uzhannalil abonana n’umwungere wa ekleziya katorika kw’isi Papa François.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.