IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Ababikira babiri b’Abanyarwandakazi biciwe muri Yemen

Ababikira babiri b’Abanyarwandakazi biciwe muri Yemen

dimanche 6 Ntwarante 2016, par egide

Umwungere wa Ekereziya Gaturika Papa Francisko yiyamirije ubwicanyi bwakorewe abantu 16 barimwo ababikira babiri b’Abanyarwandakazi muri Yemen.

Abo bantu bishwe kuri uwu wa gatanu n’abantu bitwaje ibirwanisho, bikikekwa ko ari abarwanyi bo mw’idini ya Islam.
Abo bantu biciwe mu kigo c’abagatorika kibamwo abatama n’abatamakazi mu gace ka Aden.
Abishwe ni ababikira bane bo mu muryango w’aba-Calcutta, abaganga bane, abacunga umutekano bane, hamwe n’abajejwe gukora isuku.

JPEG - 69.3 ko
Kimwe mu vyumba abo bantu biciwemwo

Abo bicanyi binjiye muri ico kigo, bahenda abajewe umutekano bari kw’irembo ko baje kuramutsa nyina wabo aba muri ico kigo.

Ababikira b’Abanyarwandakazi bishwe ni Mukashema Marguerite akomoka muri Diyoseze ya Kabgayi na mugenzi wiwe akomoka muri Diyoseze ya Ruhengeri, ariko izina ryiwe rikaba ritamenyekanye.

Mu kwica abo batama n’abatamakazi, babanje kubabohera amaboko i mu gongo nk’uko vyabonekeye ku biziga vyabo.

Vatikano yamenyesheje ko yababajwe n’ubwo bwicanyi, nawe Papa Francisko akaba yahojeje imiryango yabuze.


IGIHE

Messages

  • Iryavuzwe ririko rirashika ryuko Uruhamo rw’Abakristu ruhari kw’Isi nzima.Ntayindi ntumbero.

  • kwer twebwe turababazwa nukumva abakoz b’Imana, baguma baricwa. turavye ivyabaye mu burundi, none raba birasubiye. uko biri kose imana izokwishura kuvyo bariko barakora.

  • Amakuru atugeraho avuga ko abo babikira bari bashinzwe isoko rya kagame acuruzamo ibice by’imibiri by’abantu (imitima, impyiko,...) kuko ngo nibo bari bashinzwe icyo kiraka muri muburasirazuba bwo hagati.

  • ntasi idahamba basha. none nkubu iyo reta ya yemen idashobora gukingira abanyagihugu bakibamwo mwumva imaziki? ubwo president nawe aguma yihisha akurura imirambo? gose birababaje. turahojeje imiryango yabuze kandi tumenyeko kwisi umwicanyi nuwo kurwanywa tutaravye ivyo aharanira.

  • TWIHANGANISHIJE IMIRYANGO YABASIGAYE ABATASHYE IMANA IBAKIRE MUBAYO

  • Wewe wiyita muhima nagira ndakubwire ko ivyo uvuga bikugaragaza uwuriwe n urwanko rwagusabitse. Abo uriko uragiriza ngo bakorera Kagame ni abakozi b Imana bapfuye bari mugikorwa c urukundo mugutabara abababaye nk uko therese w i Calcuta yabibaraze baranzwe n urukundo n umutima wakimuntu nayo wewe ivyo uvuga n imvugo z abakozi ba shetani ukorera. reka guta umunwa kuko nawe ntuzotura nk umusozi. Gabanya urwanko ufitiye urwanda kuko ntaco uzorugira usivye gupfana umuzigo w urwanko ataco uzokumarira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.