Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Abafasha Donald Trump kwiyamamaza bahinduwe
Yanditswe taliki ya 18-08-2016 - isaha 07:59' na IGIHE

Umukandida w’Umurepublicain, Donald Trump, yasubiye guhindura kandi abayobozi b’umurwi ujejwe igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza.

Ivyo bibaye mu kiringo kiri musi y’amezi atatu, imbere yuko Abanyamerika bahitamwo uwuzoba umukuru w’igihugu mushasha, mu kwezi kwa mbere.

Donald Trump yagenye Stephen Bannon, umutegetsi akomeye w’ikinyamakuru, gikorera kuri internet, Breibart, kuba umuyobozi nshingwabikorwa ajejwe igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza, hamwe na Kellyanne Conway yahawe igikorwa c’ugukwirikirana ibikorwa vya minsi yose vy’ukwiyamamaza kwa Donald Trump.

VOA ivuga ko kwongereza abo bategetsi bakomeye bashasha bisa n’ibizogabanya uruhara rwa Paul Manafort, yari umutegetsi mukuru ajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ca Trump, kuva yirukanye uwahora muri ico kibanza, Corey Lewandowski, mu kwezi kwa gatandatu.

Ariko rero, Donald Trump yatangaje ko ingingo y’ukugena abandi bategetsi bashasha ata ngaruka bizogira ku ruhara rwa Manafort.

Manafort yagirijwe ko yakoranye n’uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Ukraine, Viktor Yanukovich, yakuwe ku butegetsi mu mwaka w’2014.

Manafort yarahakanye ko yaronse amafranga kuvyo yoba yakoreye Yanukovich, mu kuvuga ko ivyo vyagiriji bitagira ishingiro.

Ivyiyumviro vyanyu

ico kigabo ngo Ni trump kimeze nka nkurumbi nivyiyumviro nibimwe.

20.08.2016 à 07:08
tutaje

trump tsinda amatora.
amerika aba demokrate bayitovye

19.08.2016 à 20:45
sengoga

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.