IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abahinga batoye ibindi bihimba vy’indege ya EgyptAir

Abahinga batoye ibindi bihimba vy’indege ya EgyptAir

jeudi 16 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubwato bw’Abafaransa bwaratoye ibisigarira vy’indege y’ikompanyi y’indege ya Misiri EgyptAir yazimiye inyuma y’aho igwiriye mw’ibahari Mediterane, mu kwezi guheze, igahitana abantu 66 bari muriyo.

Abahinga ba Misiri bagira amatohoza bamenyesha ko ivyuma vy’abafaransa biri mu mazi vyatoye ibihimba vy’iyo ndege munsi mu kiyaga ku metero zishika 3000 umanuka hasi.

VOA ivuga ko gushika ubu ata kiramenyekana cateye iryo sanganya ry’iyo ndege yariko iva i Paris yerekeza muri Misiri kw’igenekerezo rya 19 z’ukwezi kwa gatanu.

Abategetsi ba Misiri gushika ubu ntibaremeza ko iyo ndege yazize ibikorwa vy’iterabwoba kandi nta muhari n’umwe uremanga ko wabigizemwo uruhara.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.