Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abahinga batoye ibindi bihimba vy’indege ya EgyptAir
Abahinga batoye ibindi bihimba vy’indege ya EgyptAir
jeudi 16 Ruheshi 2016, par
Ubwato bw’Abafaransa bwaratoye ibisigarira vy’indege y’ikompanyi y’indege ya Misiri EgyptAir yazimiye inyuma y’aho igwiriye mw’ibahari Mediterane, mu kwezi guheze, igahitana abantu 66 bari muriyo.
Abahinga ba Misiri bagira amatohoza bamenyesha ko ivyuma vy’abafaransa biri mu mazi vyatoye ibihimba vy’iyo ndege munsi mu kiyaga ku metero zishika 3000 umanuka hasi.
VOA ivuga ko gushika ubu ata kiramenyekana cateye iryo sanganya ry’iyo ndege yariko iva i Paris yerekeza muri Misiri kw’igenekerezo rya 19 z’ukwezi kwa gatanu.
Abategetsi ba Misiri gushika ubu ntibaremeza ko iyo ndege yazize ibikorwa vy’iterabwoba kandi nta muhari n’umwe uremanga ko wabigizemwo uruhara.
IGIHE
Messages
16 Ruheshi 2016, 19:53, par MUYAHUDI
BENINDEG NIBIHANGAN ICODUHONVY KITAZOGARUKA NABANTU INDEG BAZOKORA NIZINDI NDAHOJEJ IMIRYANGO YABURIY MURIRYOSANGANYA IMANA IBAKIR