Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Abamenyeshamakuru batatu bo muri Turukiya bagirijwe iterabwoba
Yanditswe taliki ya 21-06-2016 - isaha 08:34' na IGIHE

Abamenyeshamakuru batatu bo mu gihugu ca Turukiya barahagaritswe n’ubutegetsi bagirizwa gufasha mu kwamamaza ibikorwa vy’iterabwoba.

Abo bari mu minwe y’igiporisi ni Erol Onderoglu, aserukira ishirahamwe ry’abanyamakuru batagira imbibe, Reporter Sans Frontiere, Sebnem Korur Fincani, arongoye ikigo giharanira agateka ka muntu. Uwugira gatatu ni Ahmet Nesin, umwanditsi akongera akaba n’umumenyeshamakuru. Bose bahagaritswe ku munsi wa mbere, bakaba bagirizwa kwifatanya n’ishirahamwe riharanira ubwigenge bw’abanyamakuru rifise icicaro mu gisagara ca Diyarbakir. Reta ya Turukiya nayo yagiriza iryo shirahamwe ko rishigikiye umuhari w’abarwanyi b’umugambwe PKK utavuga rumwe na Reta.

Amakuru atangwa n’umushingwamanza wabo Ozcan Kilic, avuga ko hari abandi bantu bagera kuri 49 bariko bagirwako amatohoza barimwo abanyamakuru, abanditsi, abakina amareresi, abigisha hamwe n’abahoze ari abashingamateka.

Icegeranyo co mu mwaka w’2015 casohowe n’ishirahamwe ryishinze gukingira abanyamakuru rifise icicaro muri Amerika kimenyesha ko igihugu ca Turukiya kiza ubwa mbere mu bihugu bipfunze abanyamakuru benshi, aho ni mu gihe abagera kuri 40 aribo bari mu mabohero.

Ivyiyumviro vyanyu

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.