IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Abandi bantu batatu bikwekwako iterabwoba bishwe mu Rwanda

Abandi bantu batatu bikwekwako iterabwoba bishwe mu Rwanda

vendredi 19 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abandi bantu 3 bishwe barashwe n’igiporisi c’Urwanda, bakaba bakekwako ibikorwa vy’iterabwoba. Ivyo vyabereye mu murenge wa Bugarama.

Mu minsi ibiri gusa hamaze kwicwa abantu 4 bakekwako gukorana n’imitwe y’iterabwoba, mu gihe abandi 23 bose b’abayisilam bari muri sentare bakurikiranwako ivyo bikorwa vy’iterabwoba.

Umukuru w’igiporisi mu karere ka Rusizi, Sano Nkeramugaba, yemereye bimwe mu bitangazamakuru vyo mu Rwanda ko igiporisi carashe abantu 3 muribo 6 bari mu bikorwa vyo kwigisha imigirwa ya ya Islam mu gace ka Bugarama. Yavuze ko muribo harimwo abagabo 5 n’umukobwa umwe.

BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko yagize ati : "Barimo bigisha amahame y’idini ya Islam abapolisi bashatse kubafata bamwe bashaka kwiruka, barabarasa. Batatu bahise bapfa, umwe arakomereka abandi babiri barafatwa."

Yavuze kandi ko bose bemera ko bari mu mutwe wa Al Shaabab w’intagondwa z’aba Islamu zirwana mu gihugu ca Somalia.

Ivyo bibaye inyuma y’umunsi umwe gusa igiporisi gitangaje ko uwundi yitwa Channy Mbonigaba, yishwe arasiwe mu gace ka Nyarutarama mu gisagara ca mujyi Kigali, nawe igiporisi kikaba cavuze ko yarashwe ariko agerageza guhangana n’igiporisi, agakomeretsa umuporisi umwe w’Urwanda.


IGIHE

Messages

  • rnibatwareyo maprobu izicungere ndumva baratanguy kumara abo bikeka bose

  • Urwabanyarwanda rugiye kuzobarubi kusumba.

  • Iryo ni ihonyabwoko ry’abahutu ribandanya mu rwanda n’akasigaye mugire mugaheze.

  • bareke kwica abantu izombwa. babahora idini ryabo. basanga abantu bariko barasenga bagaca babica ngo nuko ari aba islam. mbega ingegera.

  • murwanda ntamikino bagira kumuntu ashaka guhungabanya umutekano wigihugu. abarundi nimwe mufyinyata.

  • Abo usanga arabahutu barikuraswa izuba riva ngonintagondwa babagiriza ibikorwa vyiterabwoba mugwanda aho baratera nihehe nukuvuga umwisilamu wumuhutu wese bagiye kuzabarabica babagiriza ngonintagondwa.banyagwanda muragabe mugiye gushira igitangaje kagame yahagaze kwisunzu vyinzu yifatira mugahanga ngwubutegetsi bwiburundi bwirigwa abanyagihu nonese bo ubu barigukoriki barikunigagura abanyagihugu bitwaje ubutagondwa birababaje.nayo abanyagwanda umengo nintama zigiyekumacuniro baricwa babona nabobagatega imitwe ati cumita birakwiye murashira.

  • Hahahah abarundi muri ibicucu ahomuva mukagera ibyobigambo byose ninde wabibatumye murabe ibyiwanyu mwamihimbiri mwe itagira ubwenge U Rwanda ni super power ntimukatwigereranyeho ntanahamwe duhurira namwe

  • Amaherezo iyo ni Genucide iriko irakorerwa aba Islam abobose bibaye kubona hagize uwicwa bakacabivugira ngo baritandukanije nabobishwe ejo bizobabera biba ndabarahiye nibara kumutemere ahumuntu yicwa abandi bagatanguranwa kuvugango twitandukanije nabo.

  • Abarundi mwabaswe namacakubiri ndabarahiye ibyanyu ni hutu ni titsi mbese nibyo mwirirwamo hamwe no kunywa ibiyeri. Muzatera imbere ryari mwirirwa murayo manjwe ngo ni amoko? Mwatuje mugashyira hamwe mukubuka igihungu cyanyu. Ibindi bihugu mu karere biri kubasiga namwe mukiri mumagambo yamoko. Ubu umuhutu cg umututsi urwaye agakenera amaraso aravuga ngo mubanze muyapime mbanze ubwoko niba afite ubututsi cg ubuhutu? Muve mubujiji mukore mukorere igihugu cyanyu. Gukomeza kwishyiramo u Rwanda ntacyo muzarukoraho nukwisubiza inyuma kdi rwo ruri kwiruka mu iterambere. Twe ubu ni busness tureba ibyamoko tuzi aho byatugejeje. Mukomeze mwenyegeze uwo muriro mwishyiramo abaturanyi babafashaga. Nukwisenyeraho nki Mene kumugani wanyu. Twe umutekano nta blague tiwugiramo.

  • Wosanga ari Aba DD bigize alshabab.inkotanyi ntizifyina

  • mbabwize ukuri mu Rwanda nta blague kumuntu ushaka guhungabanya umutekano nubwo yoba arihehe tuzamusangayo tumuhane
    namwe mwirigwa muvugira iyo ntacyo bidutwaye ariko hazagire uhirahira ahungabanye umutekano gato ayo mwavuze yose yoca ahera ubundi mukabona umuriro mutigeze mubona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.