IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abanyagihugu ba Centrafrika bari mu matora y’umukuru w’igihugu

Abanyagihugu ba Centrafrika bari mu matora y’umukuru w’igihugu

dimanche 14 Ruhuhuma 2016, par egide

Abanyagihugu bo muri Repubulika ya Centrafrika bari mu matora y’umukuru w’igihugu ku ncuro ya kabiri.
Aya matora afatwa nk’intambwe ikomeye yo kugarukana amahoro, amatekano hamwe na Reta ivuye mu matora.

Ayo matora y’umukuru w’igihugu abaye inyuma y’aho abarwanyi barwiriyemwo abo mw’idini rya isiramu bafatiye ubutegetsi mu mwaka w’2013, mu nyuma yahora hagaca haduka uruhagarara rwahitanye ubuzima bw’abantu benshi.

Abahiganwa ni Faustin Touadera yahora ari umushikiranganji wa mbere ku ntwaro ya Francois Bozize kuva mu 2008 gushika mu 2013, hamwe na Anicet Dologuele yahoze muri Reta y’umukuru w’igihugu Ange-Felix Patasse hagati y’umwaka w’1999 gushika mu mwaka w’2001.

Abo biyamamaza bompi bemereye abanyagihugu ko nibatorwa bazogarukana amahoro, umutekano, bongere bateze imbere ubutunzi bwa Centrafrika.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.