IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Blaise Compaoré yoba ageze muri Ghana ahunga

Blaise Compaoré yoba ageze muri Ghana ahunga

vendredi 31 Gitugutu 2014

Abanyagihugu bo muri Burkina Faso bararahira bakarengwa ko bataruhuka batirukanye mu umukuru w’ico gihugu Blaise Compaoré.

Imyiyerekano abo banyagihugu bamazemwo iminsi, bakaba baturiye ingoro y’inama nshingamateka, baraturira inyubakwa z’iradiyo nkuru y’ico gihugu, nayo amamangazini hamwe n’izindi nyubakwa birasahurwa urukombamazi hatibagiwe iturirwa ry’imiduga itari mike. Abo banyagihugu bari mu migumuko, bakaba bihereje mabarabara inyuma y’aho uwo mukuru w’ico gihugu amaze imyaka 27 yose ku butegetsi, ashatse guhindura ibwirizwa nshingiro kugira aronke uburenganzira bwo kwitoza ubugira gatanu.

Blaise Compaore bikaba bitanguye kuvugwa ko yoba yahungiye mu gihugu ca Ghana, nk’uko bimwe mu binyamakuru vyo muri ico gihugu bivyandika. Abatavuga rumwe nawe bakaba bari bamenyesheje kobategerezwa kumuhenurira ubutegetsi, naho Blaise Compaoré we yari yamaze kwemera ibiganiro ndetse, akavuga ko ivyo guhindura ibwirizwa nshingiro yabihagaritse, ubu akaba yemera ibiganiro n’abo batavuga rumwe.

Abantu bagera kuri 30, bakaba bamaze guhitanwa n’izo ntureka.


Aristide Nizigire

Messages

  • Uy’umunsi nimuri burkinafaso ejo ni Burundi, les jeunne africain twari dukwiye kuhagurukira abo bose bashaka kutuzingamika.

  • Uraba ubona mukuru wigihugu cuburundi umwanya si muto bigiye kugushikira utemeye gusezera ubutegetsi mu mahoro!!

  • abarUndi taridukwiy gufatira utororer kubindi bihugu kuko murabona umuperzida agomba kwigumiza kubutegetsi ahindagura ibwizwa shingiro ukwavyiyumviye kose ngobibe ukunyn murabona icobivyara murundi ntipfuza kohava bimeruko nibazebarahaza ibiringo vyabo hamabasa abandi ahandi hoho murabona ingaruka zavyo

  • muri afrika abakuru bi bihugu bafata igihugu bakagihindura amatongo yabo!abo muri burukina fasso nintwari. nongaha iwacu nivyo bashaka

  • uko niko umwaka uza bizaba bimeze ngaha

  • MUKURITEBWOBA NGAHO MURIBARYA BANYAGIHUGU NINDE YATUNZWE NISOMBE CANKE IBITUTU VYIMIGANO CANKE AMAKORORO YIMYUMBATI EREGA ABARUNDI BUBU SIBABANDI BAFATWA NUMUNTUMWE, KERA MURABIGEZA TURABE MUREKE ITERABWOBA,SHA. MUTAMA RWAS KOMERA EJO SUYUMUNSI

  • Ico niyumvira nuko compaole yokwemera kuva kubutegetsi hataraba nibindi kuko bazohava bamwica atavuyeko ningoga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.