Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyarwanda 335 bishuzwa na Reta y’Uburundi imiriyoni zirenga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Abanyarwanda 335 bishuzwa na Reta y’Uburundi imiriyoni zirenga (...)

Abanyarwanda 335 bishuzwa na Reta y’Uburundi imiriyoni zirenga 130

samedi 31 Nzero 2015, par Egide N

Reta y’Uburundi yatanguye kwishuza abanyarwanda bagera ku 335 baba mu Rwanda, bakaba batashe batarishe ingurane bari bahawe igera ku miriyoni 60 z’amafaranga y’amanyarwanda (imiriyoni zirenga 130 z’amarundi). Mu Rwanda bamenyesha ko impande zompi zimaze iminsi ziganira kuri ico kibazo kandi ko zipfuza ko cotorerwa inyishu.

Abo banyarwanda bishuzwa na Reta y’Uburundi bahoze bigisha mu mashuri y’intango n’ayisumbuye mu Burundi, bakaba muri ico gihe bakorera mu Burundi barahawe ingurane n’ikigega FSTE (Fonds de Solidarité des Travailleurs de l’Enseignement), ariko bakaba batashe mu Rwanda iwabo batari bwari bwaheze kuriha amafaranga baguranywe.

Umurwi w’Abarundi urongowe na Anicet Niyongabo, umuyobozi mukuru mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ukaba washitse mu Rwanda kuri uwu wa gatanu, utwaye ico kibazo ku bajejwe intwaro mu gihugu c’Urwanda.

Mu kiganiro yagize na bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, Anicet Niyongabo yamenyesheje ko abo banyarwanda batashe badahejeje kuriha izo ngurane bahawe na FSTE, agasaba Reta y’Urwanda ko yokwishuriza Reta y’Uburundi, kuko iyo Reta y’Urwanda izi aho abo baheraniye Uburundi bari, n’aho bakorera.

Ico kibazo c’amafaranga y’ikigega ca FSTE atarishwe cakiriwe n’abaserukira ivyo bihugu vyompi, umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, hamwe n’ikigo RSSB kijejwe gutegekaniriza kazoza abakozi bo mu Rwanda.

Inzego zibijejwe mu gihugu c’Urwanda zamenyesheje ko impande zompi zimaze iminsi ziganira kuri ico kibazo kandi ko zipfuza ko cosozerwa. Ariko rero, izo nzego zimenyesha ko zahuye n’intambamyi y’abo basanze muri abo baheraniye Uburundi, batakiba mu Rwanda, ariko izo nzego zigatanga icizere ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira ayo mafaranga yishurwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • abategetsi bacu ntabwenge mugira mukibirukana ngo muriko murihora mubanyaga utwabo abandi mubapfunga none ngo bagiye babaheranye uuuuuuuuwa abahutu ntimumarara kweri!!!!!! ahubwo reta yu RWANDA nifashe abanyagihugu (abaturagi)bayo gukomoza ivyabo vyanyazwe nabo bariko babitanga abategetsi bacu ntabwenge mugira mukibirukana ngo muriko murihora mubanyaga utwabo abandi mubapfunga none ngo bagiye babaheranye uuuuuuuuwa abahutu ntimumarara kweri!!!!!! ahubwo reta yu RWANDA nifashe abanyagihugu (abaturagi)bayo gukomoza ivyabo vyanyazwe nabo bariko babitanga abategetsi bacu ntabwenge mugira mukibirukana ngo muriko murihora mubanyaga utwabo abandi mubapfunga none ngo bagiye babaheranye uuuuuuuuwa abahutu ntimumarara kweri!!!!!! ahubwo reta yu RWANDA nifashe abanyagihugu (abaturagi)bayo gukomoza ivyabo vyanyazwe nabo bariko babitanga abategetsi bacu ntabwenge mugira mukibirukana ngo muriko murihora mubanyaga utwabo abandi mubapfunga none ngo bagiye babaheranye uuuuuuuuwa abahutu ntimumarara kweri!!!!!! ahubwo reta yu RWANDA nifashe abanyagihugu (abaturagi)bayo gukomoza ivyabo vyanyazwe nabo bariko babitanga mumanyama

  • mwitegure namwe kuturungikira abarundi bakoze genocide bagataha iwanyu ubu bakaba cndd yarabashimiye ikabaha utuzi dukomeye. nimwaheza muzahite mukora n’urundi rutonde rw’aba FDLR mucumbikiye mu gi police muzoba muranguye ibwirizwa.

  • Wa Muhutuwe wiyise ngo uruwumutima , ibibarikobaravuga ntahobihuriye nababantu tumazimisi twumvango birukanywe ngokubera badafise ivyangombwa bikwiye, barikobaravuga ivyabaye mbere ya 94 abanyarwanda baribahungiye Burundi batarataha, nabarundi baribarahungiye murwanda batarameneshwa nintambara yinkotanyi mu Rwanda.

  • Kanyamitahe avuze neza,Leta y uburundi itange abarundi bagirizwa genocide mugwanda,na Leta y urwanda itange abanyarwanda bari aba Sans échecs bamaze abahutu i bujumbura ubu bakaba bafiseibibanza vyiza i kigali.bahurire ku kanyaru bahane izo nkozi z ikibi.

  • kowiyita zabahutu ahokwiyita munwamubi mbega kagame harico yagusavye mubijanye nivyo ga wanswaganyiwe ngurimuhutu wikundwakaze neza ntaco uhatora kagame na pita ntubinjirire

  • abahutu murantangaza we wiyita ngo ndakuzi hahaha mbe wakijujuwe ahuvuga ngo sinjirire Kagame na Peter irya nkorofani yawe Peter atajambo afise ivyakora vyose arivyatamirwa urikumugereranya na Kagame?

  • Nibazane ayo mafranga erega turakeny

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.