IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Abanyarwanda bagirizwa jenoside bafashwe i Londres

Abanyarwanda bagirizwa jenoside bafashwe i Londres

jeudi 30 Rusama 2013

Abanyarwanda batanu bafatiwe mu Bwongereza ku cipfuzo c’Urwanda kugira barungikwe muri ico gihugu baje gukurikiranwa n’ubutungane ku vyaha vyo guhohotera kiremwa muntu.

Abo bafashwe bahora ari abatware:

Emmanuel Nteziryayo yahoze ari umukuru wa komine Mudasomwa;
Charles Munyaneza yahoze ari umukuru wa komine Kinyamakara;
Celestine Ugirashebuja yari umukuru wa komine Kigoma;
Dr Vincent Bajinya yakora muri ONAPO hamwe na
Celestine Mutabaruka yari umuyobozi w’umugambi Crete Zaire Nil muri Gikongoro, abo bose bakaba barengutse muri sentare i Londres.

Bagirijwe kuba baragize uruhara rw’indongozi mu honyabwoko ryo mu mwaka w’1994, aho ibihumbi n’ibihumbi vy’abatutsi n’abahutu bagandaguwe.

Mu mwaka w’2009, bane muri abo bari batsinze urubanza bari bunguruje ku ngingo yari yafashwe yo kubarungika mu Rwanda. Ico gihe abacamanza bavuga ko ata rubanza rwiza bari kuronka mu Rwanda.


Egide nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.