Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abarokotse mw’ihonyabwoko ry’abayahudi baributse abahitanywe naryo
Abarokotse mw’ihonyabwoko ry’abayahudi baributse abahitanywe naryo
lundi 28 Nzero 2013
Abarokotse ihonyabwoko ry’abayahudi,abategetsi muri politike hamwe n’abarongoye amadini,baributse abahitanywe n’iryo honyabwoko,barongeye baragabisha ko batosubira kwemera ko haba amabi nk’ayo.
Hari kuri uno w’Imana igenekerezo rya 27 Nzero 2013 mu bibanza bitandukanye harimwo ikibanza ca Auschwitz-Birkenau cahoze ari ikibanza aba Nazi biciramwo abayahudi,m’ubumanuko bw’igihugu ca Pologne.
Abantu marenga umuriyoni n’ibihumbi ijana nibo bagandaguriwe muri ico kibanza ca Auschwitz,benshi muri bo akaba ari abayahudi.Mu gisagara ca Varsovie hakaba harabereye amasengesho ku cibutso c’abayahudi bagumutse mu mwaka w’1943.
Papa Benedict w’16,yaboneyeho akaryo ko kugabisha amakungu ko abantu bategerezwa kwama bari magabo kugirango ubwicanyi bufatiye ku rwanko ntibusubire kuba.
Umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika Barack Obama,akaba yariyemeje mu rugamba rwo gutuma amakungu yirinda ihonyabwoko mugutera iteka abayahudi imiriyoni 6 n’abandi bantu imiriyoni n’imiriyoni ataco bazira bishwe mu gihe c’ihonyabwoko ry’abayahudi.
Barack Obama akaba yavuze ko umunsi wo kwibuka ihonyabwoko ry’abayahudi ari igihe co gufata ingingo.
Mugisha Van Naris