Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abashigikiye Trump n’abamurwanya batanye mu mitwe
Abashigikiye Trump n’abamurwanya batanye mu mitwe
samedi 28 Rusama 2016, par
Abashigikiye hamwe n’abarwanya uwo umugambwe w’abarepublicains washize imbere mu matora y’umukuru w’igihugu, Donald Trump, batanye mu mitwe mu gisagara ca San Diego i California, muri Reta zunze ubumwe za Amerika.
BBC ivuga ko igipolisi kivuga ko hari abarundanye imbere y’ikibanza haberamwo inama batabirekuriwe n’amategeko, bafatamwo 35, abandi baca batangura gutera abaporisi amabuye n’amacupa y’amazi.

Donald Trump yari muri ico gisagara kiri hagufi y’urubibe Amerika ihana na Mexique, kwiyamamariza amatora y’ibanze ategekanijwe kw’igenekerezo rya 7 aho muri California.
Trump yamenyesheje ko azokwubaka uruhome aho ku rubibe mu ntumbero yo gukumira abimukira.
Iyo mishamirano yadutse ico kibanza kiberamwo amanama gisigaye kigaragara kubera imyiyamamazo ya Trump, abamushigikiye n’abamurwanya bahurira mu mabarabara, baterana amajambo bongera bacokozanya hagati yabo.
Abaporisi barenga mirongo ibiri bambaye ibintu vyo kubakingira nibo barungitswe kubatandukanya.
Bamwe mu bari muri iyo mishamirano buriye impome batera amacupa y’amazi abaporisi.
Hamaze gutangwa itegeko ko abo bantu bahava, igiporisi caciye kibahindira kure ya quartier ya Gaslamp yo muri ico gisagara.
IGIHE
Messages
28 Rusama 2016, 11:55, par Ingwe
Reka bibe!mbe naho abapolice bobijamw?
28 Rusama 2016, 17:02, par Kanyosha
Nagira barikubareka bagasenyagura bakonona ibintuvyose?
Turasavye harungikwe abasirikare mpuzamakungu bacungerere umutekano abanyagihugu.
28 Rusama 2016, 19:05, par Damien
Erega Natwe Ntaco Twacumuye Kirengeje Kugira Tubure Umutekano. Ariko Nibumveko Bibabaza Hanyuma Basubire Kudufasha Burya Ivyo Turimwo Ni Ingorane Zo Mu Mumitwe Be Ninda! Ariko Nimba Hazogumaho Amatora Intambara Ziracakomeje Kuko Zitegwa Nabifuza Ubutegetsi Mugabo Abenegihugu Ntibabashime.
28 Rusama 2016, 19:56, par None?
Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga!
28 Rusama 2016, 21:54, par niyitegekaemmanuel
yego ntabwo bizoroha kubera yuko trump avuga amagambo akumira abimukira aha
29 Rusama 2016, 05:27, par kanyamyuga
ariko bo barapfiki ko hariya ari mubihugu vya rutura?
29 Rusama 2016, 17:32, par mugisha gift
Birateye ubwoba nicogihugu isi yose ihanzamaso kandicifashe kikabamwo ibintu nkivyo nihatari

29 Rusama 2016, 19:37, par claude
mbega nomur america imigumuk iratanguy nibumve akotwar tubacuz .
30 Rusama 2016, 15:14, par byamungu Etienne
imana itabare isi igihugu nka USA ntabwo byaribikwiyeko imico mibi nkiyo Africa bizacika gute? birababaje
30 Rusama 2016, 17:39, par karuranga fred
niyo mpamvu mpora mvuga nti umutekano usigaye mu Rwanda honyine ahandi ho byanze peee