IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abatalibani basubirije umukuru wabo aheruka kugandagurwa

Abatalibani basubirije umukuru wabo aheruka kugandagurwa

mercredi 25 Rusama 2016, par egide

Abatalibani bo muri Afghanistan bashizeho umuyobozi mushasha, inyuma y’iminsi mike umuyobozi wabo, Mullah Akhtar Mansour agandaguwe mu gitero c’indege zitagira umudereva za Reta zunze ubumwe za Amerika zakoze ico gitero muri Pakistan.

Umuvugizi w’abatalibani yamenyesheje ko umuyobozi wabo mushasha ari Haibatullah Akhundzada.

JPEG - 31.1 ko
Haibatullah Akhundzada, umukuru mushasha w’Abatalibani

BBC ivuga ko uwo Haibatullah Akhundzada yari asanzwe ari icegera ca Mullah Mansour aheruka kugandagurwa, akongera akaba yari n’umuyobozi w’urwego rw’ubucamanza rw’abatalibani.

Icegera ciwe mu buyobozi bw’Abatalibani ni Sirajuddin Haqqani.

Mwomenya ko aribwo bwa mbere Abatalibani bemeye ku mugaragaro ko umuyobozi wabo Mullah Mansour yishwe.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.