Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ADISCO yahawe agashimwe kitiriwe umwami Baudouin
ADISCO yahawe agashimwe kitiriwe umwami Baudouin
jeudi 4 Ruheshi 2015
Ishirahamwe ryishinze guteza imbere abanyagihugu ADISCO ryararonkejwe agashimwe kitiriwe umwami Baudouin kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 3 Ruheshi,kubera ibikorwa vyo guteza imbere Afrika iryo shirahamwe rirangura.
Ako gashimwe katangiwe mu gihugu c’Ububirigi,kangana n’amafaranga ibihumbi 200 vy’amafaranga y’abanyaburaya ni ukuvuga ayarenga gato imiriyoni 400 z’amafaranga y’amarundi ,katanzwe n’umwami w’Ububirigi Philippe ari kumwe n’umwamikazi Mathilde.

Deogratias Niyonkuru umunyabanga mukuru w’ishirahamwe ADISCO yamenyesheje ko ishirahamwe arongoye ryatowe mu yandi mashirahamwe 300,kuko rifasha abanyagihugu b’abirimizi.
Deogratias Niyonkuru yavuze ko ishirahamwe ADISCO ritandukanye n’ayandi kuko mu gihe ayandi asa n’ayatanga ibintu vya gusa,ADISCO yoyo ifasha abanyagihugu kwiyumvira bakiha ihangiro,bakaca mu mirwi begeranirizamwo amafaranga ayo nayo bakayaha umuntu umwe (ikirimba) nawe akayakoresha mu mugambi w’iterambere.
Umunyamabanga w’ishirahamwe ADISCO yavuze ko ako gashimwe baronse kazobafasha mu kwubaka kaminuza yigisha ibijanye n’uburimyi,mu gihe uburimyi aribwo bwa mbere butunze abarundi.
Mwomenya ko ako gashimwe kitiriwe umwami Baudouin kama gatangwa uko imyaka ibiri iheze,ku muntu canke kw’ishirahamwe ryaterereye bimwe biboneka mw’iterambere rya Afrika.
Messages
4 Ruheshi 2015, 12:57, par Kaburudi
Turabakeje komera kumuheto, intambe iracari ndende uravye aho uwaruka rw’uburundi rugeze mu gihugu hagati
4 Ruheshi 2015, 13:47, par guido AHISHAKIYE
Mukore ibiterimbere turabakeje ibikorwa mukora birafasha abarundi beshi kandi barabishima kanatsinda nabatari abarundi barabishimye. Imana ihezagire Uburundi na barundi.
4 Ruheshi 2015, 17:41
Ndagushimiye Deo Mboneyeho Kubaza Abasomye Ico Ishirahamwe Rironse .Pacifique Tumuhembe Iki? Shirako Jewe Ndamuhaye 0.5% Woho?
11 Ruheshi 2015, 17:21, par NDAYIRAGIJE
Ndagukeje Déo ADISCO NI SAWA KUKO NKUKO VYAVUZWE IRAFASHA ABANYAGIHUGU KWITEZA IMBERE JEWE NDUMWE MU BABIZI AKORA MW’IBANKI NTIRIWE NDAVUGA KUKO TUMAZE GUKORANA IBITARI BIKE TURABIBONA KANDI TURABIZI EKA NA BANYAGIHUGU BARASHIMA ENCADREMENT IKORWA NA ADISCO BE NAYANDI MASHIRAHAMWE AKOMEYE BAKORANA.
FELICITATIONS!!!!