IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afganistan : Abanyamahanga babiri banyurujwe

Afganistan : Abanyamahanga babiri banyurujwe

lundi 8 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu bataramenyekana bitwaje ibirwanisho banyuruje abanyamahanga babiri bavugwa ko boba ar’umunyamerika n’umunya Astraliya, ku murwa mukuru Kabul w’igihugu ca Afganistani.

Abo bantu banyurujwe mw’ijoro ryo ku musi wa mungu, bikaba bivugwa ko bari abigisha muri kaminuza y’abanyamerika yo muri Afghanistani.

Umutegetsi w’igipolisi i Kabul atashimye kwivuga izina yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abantu biyoberanije biyambika imyambaro y’abajejwe umutekano, baca banyuruza abo banyamahanga.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika bamenyesheje ko bamenye ko hari umunyamerika yanyurujwe i Kabul, ariko bavuga ko ata yandi makuru arenze aho ico gihugu cashikirijwe. Reta ya Australiya nayo nyene yatangaje ko hari umunyagihugu wayo yanyurujwe.

Igipolisi c’i Kabul catanguje amatohoza kandi catanguye kurondera n’abo bantu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.