Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afganistan : Abanyamahanga babiri banyurujwe
Afganistan : Abanyamahanga babiri banyurujwe
lundi 8 Myandagaro 2016, par
Abantu bataramenyekana bitwaje ibirwanisho banyuruje abanyamahanga babiri bavugwa ko boba ar’umunyamerika n’umunya Astraliya, ku murwa mukuru Kabul w’igihugu ca Afganistani.
Abo bantu banyurujwe mw’ijoro ryo ku musi wa mungu, bikaba bivugwa ko bari abigisha muri kaminuza y’abanyamerika yo muri Afghanistani.
Umutegetsi w’igipolisi i Kabul atashimye kwivuga izina yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abantu biyoberanije biyambika imyambaro y’abajejwe umutekano, baca banyuruza abo banyamahanga.
Muri Reta zunze ubumwe za Amerika bamenyesheje ko bamenye ko hari umunyamerika yanyurujwe i Kabul, ariko bavuga ko ata yandi makuru arenze aho ico gihugu cashikirijwe. Reta ya Australiya nayo nyene yatangaje ko hari umunyagihugu wayo yanyurujwe.
Igipolisi c’i Kabul catanguje amatohoza kandi catanguye kurondera n’abo bantu.
IGIHE