Afganistan : Abaporisi 40 baguye mu bitero vy’abiyahuzi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 30 juin 2016 saa 04:48
Yasomwe : 11277
0 0

Abategetsi ba Afghanistan bavuga ko abiyahuzi bitwaje ibisasu "Bombes" bateye urukurikirane rw’imodoka z’igiporisi mu micungararo ya Kabul, bihitana abagera 40 harimwo n’abanyagihugu.
Ibisasu bibiri "Bombe" vyaguye ku modoka zari zitwaye abahejeje ivyigwa bavuye mu minsi mikuru yo kuronswa impapuro z’umutsindo mu karere kari mu burengero bw’ico gisagara ca Kabul, muri Afghanistan.
Haji Mohammad Musa Khan, umukuru w’akarere ka Paghman yabwiye BBC ko hari n’abandi bantu benshi bakomeretse. (...)

Abategetsi ba Afghanistan bavuga ko abiyahuzi bitwaje ibisasu "Bombes" bateye urukurikirane rw’imodoka z’igiporisi mu micungararo ya Kabul, bihitana abagera 40 harimwo n’abanyagihugu.

Ibisasu bibiri "Bombe" vyaguye ku modoka zari zitwaye abahejeje ivyigwa bavuye mu minsi mikuru yo kuronswa impapuro z’umutsindo mu karere kari mu burengero bw’ico gisagara ca Kabul, muri Afghanistan.

Haji Mohammad Musa Khan, umukuru w’akarere ka Paghman yabwiye BBC ko hari n’abandi bantu benshi bakomeretse.

Abataliban bamaze kwiyitirira ivyo bitero vya bombe bije bikurikira igitero cagizwe ku modoka yunguruza abantu mu ndwi imwe iheze, ico gitero kikaba cahitanye abantu 14.

Mu bapfuye hakaba harimwo uwujejwe umutekano w’umunya Nepal yakora mu buserukizi bwa CANADA muri ico gihugu ca Afganistan.


Kumenyekanisha

1
RAJABU 7-07-2016 à 12:32

BIRABABAJEIMANAIBAHEIRUKORIDASHIRA

2
Mganyizi 2-07-2016 à 22:20

Enyi Tariban Hayo Mashamburizi Munayo Yafanya Afghanistan Mtaku jakujuta Mbere Zamungu Munawauwa Raiya Wasio Nahatia

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha