Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Aisha Abdullahi asaba ibihugu vya Afrika kwirinda indyane ziterwa n’ikiringo (...)
Aisha Abdullahi asaba ibihugu vya Afrika kwirinda indyane ziterwa n’ikiringo ca gatatu
samedi 13 Ruheshi 2015
Ibihugu bigize Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, biri mu nama igira 25 mu gihugu ca Afrika y’epfo.Ibiri ku rutonde ni ibijanye n’agateka k’umukenyezi, umutekano,hamwe n’ikibazo c’Uburundi.
Komiseri w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ajejwe ibibazo vya politike Aisha Abdullahi yavuze ko Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ritazokwigera rirungika indorerezi z’amatora mu Burundi,kuko bisa n’uko bitagabanura ingorane.

Aisha Abdullahi yavuze ko babivuze neza ko mu gihe cose amatora yo mu Burundi atazoba ateguwe neza, hanyuma abe mu muco no mu mwidegemvyo, ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ntirizoyarorera.
Yamenyesheje ko hari umugambi wo guhuza impande zitumvikana kandi bizeye ko bizotanga umwimbu mwiza.Abdullahi yasavye ibihugu vya Afrika kwirinda indyane ziriko zitumwa n’ikiringo ca gatatu c’abakuru b’ibihugu.
Yavuze ko gushaka gutwara ikiringo ca gatatu vyabaye inyanduruko y’umutekano muke ku mugabane wa Afrika.Yamenyesheje ko badashigikiye ikiringo ca gatatu kuko atari vyiza mu bihugu vyinshi.

Muri iyo nama,Reta y’Uburundi yaserukiwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu,mu gihe ku ruhande rw’abatavuga rumwe na Reta hariyo Jean Minani arongoye umugambwe Frodebu Nyakuri.
Messages
13 Ruheshi 2015, 21:00, par NAHABANDAHARI PETER
MBEGA NYAMITWE YAKUYE PETER CANKUBU NI GATINYA SHENGERO MAYIA YOCISH ABANTU AKAJA AHOBARI URAVYA BAGWA MUBURUNDI EKA NTAKWIYE KUJAYO NAGUMAHO MPAKA PAKIWE AJ ILAHE BENAVYA BIHUNA NGONIMBOMERAKURE NA KAZUNGU NA DOFU
13 Ruheshi 2015, 22:42, par Syldie
Twese Twokunda Ko Kwisi Nzima Haba Gukurikiza Amategeko Uwutabikunze Nawe Akamirwa Kuko Aba Ashatse Kwigira Ikindi Kimungu Kandi Hariho Hierarchie Au Niveau Mondial.
14 Ruheshi 2015, 07:56, par Kirama
Akamaramaza Akamaramaza! Mwaribwabone Ahumuperezida Atinya Kujamunama Yabakuru Bibihugu Akamarumgika Nyamitwe Bibonekako Nyamitwe Ko Amurushimitwe Yamanyanga.Haaa Abaramvye Tuzobona.
15 Ruheshi 2015, 11:59, par Sinzinkayo
Mbe President wacu ataraba Paysans ashobora kuja araganira ubona adatinya kuja ahabandi bari ! Il est toujpoyrs absent au grandes reunions. En fait ntaduserukira! Non seulement ahembwa amafaranga ya gusa, mais le bougre agaca anatwiba !