Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > Abatowe muri Primusic i Gitega, Mwaro na Muramvya
Abatowe muri Primusic i Gitega, Mwaro na Muramvya
lundi 14 Mukakaro 2014
Ihiganwa rya Primusic rirabandanya mu ntara zitandukanye z’Uburundi, umuririmvyi azotsindira ingabire y’imiriyoni 20 yatanzwe n’ishirahamwe BRARUDI aguma aronderwa hirya no hino mu gihugu ata gukumira. Intara za Gitega, Muramvya na Mwaro zaratowemwo abazoziserukira ku rwego rw’igihugu.
- Aron Nitunga i buryo mushasha mu batanga amanota
Ishirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI ntako ridakora kugira riteze imbere umuziki n’abaririmvyi bo mu Burundi. Biciye mw’ihiganwa Primusic, intara zose z’Uburundi ziriko zitorwamwo abaririmvyi babiri bazoziserukira mu mahiganwa yo ku rwego rw’igihugu. Intara ya Gitega, yanabaye intara ya mbere yiyandikishijemwo abaririmvyi benshi bashika 100, yatowemwo abaririmvyi Delos na Bravo Elvis. Muri iyo ntara nta giteramo cabaye, abaririmvyi baririmba imbere y’umurwi ujejwe gutanga amanota.
- Delos na Bravo Elvis bazoserukira intara ya Gitega
Intara ya Muramvya yakiriye igiteramo ca Primusic aho abantu isinzi bari bacitavye. Mu baririmvyi 10 batowe n’umurwi utanga amanota imbere y’uko baja gihiganwa imbere y’abanyagihugu, hatowemwo babiri gusa nk’uko bigenda no mu zindi ntara. Abatowe i Muramvya ni Ingabire Pamella na Sinzinkayo Clovis Toussaint.
- Christian Nsavye ari kumwe na Sinzinkayo Clovis Toussaint na Pamella batowe i Muramvya
Abaririmvyi Levy na Lydia Irakoze batowe guserukira intara ya Mwaro. Ikiboneka muri izo ntara n’ubwira bw’abakobwa bashoboye kwiyandikisha maze bakanaronka n’ibibanza vyiza mu gihe hari intara ata mukobwa n’umwe yaboneka muri ayo mahiganwa ya Primusic.
- Levy Nshimirimana yatowe i Mwaro
Tubibutse ko imiriyoni 20 zatanzwe n’ishirahamwe Brarudi zirindiriye umuririmvyi azozitsindira, eka si izo miriyoni gusa, abaririmvyi batari bake bazohabwa ubushimwe butandukanye bivanye n’ibibanza bazoba baronse.
- Lydia Irakoze yatowe i Mwaro
- Abaririmvyi bahiganywe mu ntara ya Mwaro

- Sinzinkayo Clovis Toussaint yatowe mu ntara ya Muramvya
- Sat b n’umurwi wiwe ku ruhimbi ry’abaririmvyi
- Patient Matabaro abica bigacika
- Abahiganwa mu ntara ya Gitega
- Big Fizzo ariko ateramisha abari mu giteramo ca Primusic
Cherif Nkeshimana