IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Amareresi mu Burundi ntaragera kurugero rukwiye

Amareresi mu Burundi ntaragera kurugero rukwiye

mercredi 27 Ntwarante 2013

Ireresi(Film) mu Burundi iracari nshasha cane.Gushika uno musi,hari ireresi imwe gusa nayo ni GITO ya leonce Ngabo.Hari iyindi imwe iri mu guhera iyo nayo ni Amaguru n’amaboko, Hari n’utundi tureresi mugabo twotwo dutoduto ariko ubuhinga zikozwemwo buravana.

Kubwa Simon Kururu umukuru wa Coprodac(collectif des producteurs pour le developpement de l’audiovisuel et du cinema au Burundi). Ivyuguruye amaso abahurikiye muri coprodac ni ivuka rya Festicab (isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi mu burundi aho yatumye abantu bikangura kubera ko muri iyo sabukuru berekana amareresi yo mu burundi gusa,kandi bakongera bakaja mu masabukuru mpuzamakungu.

Mu vyerekeye akarusho k’amareresi mu burundi ,umukuru wa coprodac yamenyesheje ko hari ukugomba gukomeza gukorera hamwe n’abarabwa n’ivyo bintu vyose bategerezwa kugira ico biyemeje kiboneka kandi batibagiye ko uwo mugambi wogushira abantu hamwe ari mwiza cane. Kandi ,hari n’ibimenyeshamakuru vyinshi kuko dufise imboneshakure 5 ,hamwe n’abantu bafise ubuhinga muri ivyo bintu.Ico twomenyesha kandi nuko hasigaye haravutse ahantu batanga ubumenyi .

Ku bibura naho ,harabuze umugambi mwiza wo guteza imbere ico gisata c’amareresi .Kandi ukuntu amategeko atunganijwe muri ivyo bintu ntatera intege na gato, abakora amasanamu hamwe n’amareresi.Nk’akarorero k’umuntu ashaka kugira ireresi ,igisata gikingira itangazamakuru rusaba gutanga ama dorari 300 y’abanyamerika.kw’ireresi imwe ijanye n’ivyimibano hamwe n’amadorari 600 y’abanyamerika kw ‘ireresi ifise intumbero y’ubudandaji.Ariko rero’’ mu bisanzwe urwo rwego CNC ntirukurako ikori, mugabo turiko turasaba kugira babikore’’niko simon kururu yavuze .

Ingorane yindi nuko atamazu yo gusohora akomeye ariho,ni ukuvuga amazu yo gusohoreramwo dufise menshi abayakoramwo ntavyo bigiye. Vyongeye harabuze abadandaza ayo mareresi babizi tudasize inyuma ugukoporora n’ukwigana.Izindi ntambamyi zerekeye kubura abantu bavyigiye : nta shure ry’amareresi rihari n’amakaminuza ahari atanga ivyigwa mu buhinga bwo gutumatumanako gusa.Hariho kandi ingorane y’ibikoresho bitakwije ivyangombwa,kandi ntana mahera ava muri Leta canke abandi bikorera ivyabo.

Ayandi mahirwe ni uko urwaruka rukunda ayo mareresi ,
Amahirwe bafise nuko abafasha bagize ikintu gikomeye mu gutanga inyigisho, twibaza ko twotegerezwa kwegeranya ibikenewe vyose kugira bateze imbere igisata c’amareresi.N’ukugira inyigisho biciye mu nzira yo. Ariko rero amareresi arashobora gufasha mu kwigisha abanyagihugu. Akandi karyo nako kerekeye itegeko rigenga umwanditsi (droit d’auteur) hamwe n’ayandi bijanye,ariko rero ishirwa mu ngiro ryayo ntariko agenda nkuko tuvyipfuza ,bivugwa kandi na Simon Kururu .

Hari kandi ni ishirwaho ry’ikigo Cebulac aho dushobora kwerekana amareresi. Ikindi kintu gikomeye ni uko urwaruka rwinshi rutanguye kwitaho umwuga w’ivya mareresi.Hariho kandi n’ubuhinga bufasha kwiga n’uburyo bwo kwiga.Coprodac irashaka gushiraho umugambi hamwe n’integuro y’umugambi yo kuduza hamwe n’ukurwanya ubukene hamwe n’uko abanyagihugu boza barabona ayo mareresi.

Foto: PPBDI


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.