IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Burundian Youth Initiative iriko ikora ireresi ku rwaruka rukomeye mu (...)

Burundian Youth Initiative iriko ikora ireresi ku rwaruka rukomeye mu mideri

mardi 24 Ruhuhuma 2015

Urwaruka rw’Uburundi ruriko rukora ibikorwa vyo kwiteza imbere no guteza imbere igihugu, ruriko rugenderwa n’ishihiramwe ry’urwaruka "Burundian Youth Initiative" mu ntumbero yo kumenyekanisha ibikorwa vyarwo no kurutera intege.

"Burundian Youth Initiative" iriko ikora itohoza riciye mu buhinga bw’amareresi y’ubwoko bwa "Documentaire" ku rwaruka rukora ibijanye n’imideri haba mu nyambaro, ivyambarwa hamwe n’abafata amasanamu (Agence, styliste, maquillage,photographe"). Iryo shirahamwe ririko ribikora ku civugo : "Umuderi mu Burundi ni umwuga uteza imbere"

JPEG - 197.4 ko
Alain Michel: Réalisateur muri Burundian Youth Initiative

.

BIZIMANA Alain Michel umwanditsi (Réalisateur) wo muri "Burundian Youth Initiative" avuga ko batoye ico gisata kubera arico cari kigezweho, kuko ku mwaka ku mwaka ishirahamwe rikorana n’igisata kimwe kiri mu bikorwa vy’urwaruka. Avuga ko mu nteguro y’iyo reresi "Documentaire" bamaze gukorana na bamwe mu rwaruka bazwi mu Burundi no mu makungu mu bijanye n’imideri. Abo bamaze gukorana gushika ubu ni nka :

1) Cynthian MUNWANGARI, umunywamideri yatanguje ihuriro "Buja Fashion
Week
",

2) Krystal Shabani, nawe n’umunyamideri arongoye ishirahamwe yise "Krysbel Designs".

3) Guy MAZA,nawe akora ivy’imideri mu guhinyanyura impuzu,

4) Alice Anny AKINGABIYE arongoye "Agence UMURINGA" bamaze gutera intambwe ikomeye mu gutegura "défilé de mode" biciye muco bise "Um’ Fashion"(Umuringa Fashion),

5) Samantha(Maquillage) ateye imbere mu gutegura abanyamideri n’abagira ama"défilé de mode",

6) Fréderic TURUSO, umuhumure akomeye cane mu buhinga bw’imideri mu Burundi no mu mahanga,

7) Hervé CISHAHAYO, igihangange mu gufata amafoto.

8) Davy Carmel INGABIRE yatanguje Agence Esther

Ibikorwa vya "Documentaire bigeze kure kuko itegekanijwe gusohoka mu ntango z’ukwezi kwa Ndamukiza 2015. Alain Michel arangiza asaba urwaruka gukura amaboko mu mpuzu rugafata akarorero kuri abo bamaze kugira ico bimariye, n’ico bamariye igihugu. Asaba Reta n’abagwizatunga gushigikira urwaruka ruriko rufasha kurwanya ubushomeri no guhamagara ba mukerarugendo.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.