Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika yagenye uwuyiserukira muri Somaliya inyuma y’imyaka 24 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yagenye uwuyiserukira muri Somaliya inyuma y’imyaka 24 (...)

Amerika yagenye uwuyiserukira muri Somaliya inyuma y’imyaka 24 yose

mercredi 25 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika cagenye uwugiye kugiserukira muri Somaliya, akaba agiye kuba uwa mbere inyuma y’imyaka mirongo ibiri n’ine yari iheze ubwo buserukizi budahari, nk’uko biri mw’itangazo ryashikirijwe n’abasanzwe bajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu.

JPEG - 184.9 ko
Katherine Dhanani yagenywe guserukira igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika muri Somaliya

Umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika Barack Obama akaba yagenye uwitwa Katherine S. Dhanani. Ico gihugu kikaba caheruka kugira uwugiserukira i Mogadiscio mu mwaka w’1991.
Ariko rero, umushikiranganji w’imigenderanire w’ico gihugu n’ayandi makungu amenyesha ko uwo mupfasoni Katherine Dhanani azoserukira ico gihugu ariko icicaro ciwe kikazoba mu buserukizi bw’ico gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika muri Kenya. Akavuga ko umutekano wababibemerera, ko bazokwagura bashike no kwubaka ubuserukizi bwabo i Mogadiscio.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.