IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika igiye kwongereza Abasirikare mu Burayi

Amerika igiye kwongereza Abasirikare mu Burayi

jeudi 31 Ntwarante 2016, par egide

Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika kimenyesha ko gitegekanya kwongereza abasirikare baco mu buseruko bw’Uburayi kugira bahagarike agasomborotso gaterwa n’Uburusiya.

Ivyo vyashikirijwe kuri uwu wa gatatu n’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi.

Nk’uko tubikesha VOA, Amerika imenyesha ko igiye kurungika abasirikare n’ibirwanisho bikomeye kandi ko igiye guha ibikoresho vy’intambara abasirikare b’ibihugu rutura vyagiye hamwe kurwaniriza hamwe umwansi mu ntumbero yo kuremesha ibihugu biri ku mbibe z’igice c’ubuseruko biterwa ubwoba n’Uburusiya.

Ivyo Amerika ibivuze inyuma y’aho mu mwaka uheze yari yatangaje ko igiye kwongereza abasirikare bayo mu bice bitandukanye kandi ko ari ubutumwa ishikirije Uburusiya ko agasotoro kayo ku bihugu vya Burayi bifatanije itazovyihanganira.

Amerika ifise abasirikare bashika ibihumbi 60 bamaho ku mugabane wa Burayi. Ibihumbi 25 muri abo bafise ibirwanisho.


IGIHE

Messages

  • None nikuber’iki Amerika itogiriranira ibiganiro n’Uburusiya hako boshira intambara imbere? None nikuber’iki twebwe badutegeka ngo tuganire n’abariko baratera abenegihugu b’inzirakarengane amagerenade? Obama ni aganire na Putin batorere umuti izo ngorane zabo. Nimba atar’uko n’atureke twimesere twa mujeri.

  • None ko mwebwe murya abanyu mu kikora mu nda.
    Abo ni ibihugu bibiri bitandukanye.
    None wobwira umuvyeyi nga ica abana bawe nta ndero bafise, canke ngo ntimwumvikana ???!!!!!..........

  • twamazekubonakomuburusiya,bumazekwitegurira.intambaraya3`yisi mumenyegasagasotoro,ahubwomumenyeko.amerikayamyeyankako,atagihugucokora.ibigwanishovyarutura,ikabigiyegukwiragiza,ibigwanishokubihugubiyoboka,amerikakugirabatere,uburusiya,nkibihugubiyokwanuburusiyanavyobizocabifasha,uburusiya.bizocabivyara,intambaraya.3.yisiyose

  • Amerika,ubwami bwayo bugeze kumusviro!nibareke Nkurunziza yitunganirize igihugu,akure ibivumvuri biri mumitwe ya mujeri zahenzwe n’abo bazungu ngo bavukana imbuto!none ko bo batinya imigwi y’iterabwoba,ariko imigwi yirigwa itera ama grenade mwisoko,mububare baca bavuga ngi tuje mubiganiro,bo babuzwa niki kuganira

  • Jenipfuzakonaje Mwontumakonkazagufashanya Nabashakaku Garula Amahoro. Jewe Iconicoci Yumviromfise Nanjendipfu Zakomwo mfasha Inambazanyu.

  • Jewenumva’umenganokwifatanya,nabasoda Bokugalura-amahoro Jenanje Iconashaka Nashakakomwo Mfashainambazanyu.

  • Nonebategetsi Niguki’obama Ashakakwigira Agako meye..? Nkatwebwe Turimisole Ishika 164 Twipfuzakujamurugamba Sinzikwomwotwemerela Kudufasha Inomero zanyu Turi Iyobita ILLUMINATI FRIIMANSON Sawamutula Mukirize Nkurumbi. INOMELO ZANJE NIZI 0706700745

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.