Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi bw’abirabure (...)
Amerika : Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi bw’abirabure yabandanije
dimanche 10 Mukakaro 2016, par
Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi bukorerwa abirabure irambandanya muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, n’aho umukuru w’igihugu Barack Obama yahamagariye abanyagihugu kuguma bafatanye mu nda, inyuma y’aho abaporisi batanu barasiwe mu gisagara ca Dallas.
Umukuru w’igihugu Barack Obama yarahakanye ko Abanyamerika boba basubiye mu macakubiri nk’aya kera mu myaka y’1960, n’aho hari icuka kibi.

Ahenshi imyiyerekano yabaye mu mahoro, aho abantu bagenda bavuga bati : "ubuzima bw’abirabure nabwo ni ubuzima".
BBC ivuga ko muri Baton Rouge, abantu baharurwa mu majana bari bakoraniye hanze y’ibiro vy’igiporisi basemerera bati : "Ata butungane, nta mahoro". Abo bantu bari mu myiyerekano baja no mu kibanza Alton Sterling carasimwemwo umunyagihugu w’umwirabure.
Habaye kandi imishamirano hagati y’abayoboke b’umurwi wa "New Black Panther" bahanganye n’abaporisi bari bitwaje ibikoresho vyo gucuresha imigumuko.
IGIHE
Messages
10 Mukakaro 2016, 13:56, par MUYAHUDI
NIMUSENG’IMANA BIZOHERA ABAZUNGU NABIRABURE NDABAHAMAGARIY KUTIHORANA MUPFA URUKOBA,AMOKO, AMAZURU NIBINDI YESU NABARIND AKOKABI NTIKABADUKEMWO
10 Mukakaro 2016, 14:29, par willynshimirimana
iyamirize iyomihimbiri yaba zugu ntaco yobona
10 Mukakaro 2016, 14:29, par arphonse
Twahoratwibazako barenganye ivyokurabanaku rukoba manaurabaha gatiyabo
10 Mukakaro 2016, 16:51, par Edy
Iyo Miîmbiri Yabazungumurarabe Neza Irabamara Pee!!
11 Mukakaro 2016, 02:09, par K
Abobirabure bakwiye gukingirwa nabasoda mpuzamakungu baguye muri Africa kandinubwo bokomeza kwica abapolosi ntangorane nomu Burundi nikovyavuzwe.
13 Mukakaro 2016, 20:09, par Abraham
IVYO UHORAHO ARABIBONA RERO TWEBWE NKABIRABURE NTITWOVUGA VYINSHI KUKO BOTUMARA MURAZIKO ARIBENSHI KW’ISI ARIKO N’UBWO BIMEZE UKO UHORAHO ARIKUMWE NATWE TUZOBATSINDA ABAZUNGA N’IBAHEKWISHIMIRA IYOMIBIRI IZOPHA KANDI IZOBORA ,