IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Izina rya Donald Trump ryashizwe imbere mu matora (...)

Amerika : Izina rya Donald Trump ryashizwe imbere mu matora yimirije

mercredi 20 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Donald Trump yagenywe guserukira umugambwe w’aba republicains mu matora y’umukuru w’igihugu muri Amerika, azoba mu kwezi kwa cumi na rimwe uwu mwaka w’2016.

Trump yashigikiwe n’intumwa zivuye mu ntara no mu turere twose twa Amerika, mu matora yo kwemeza uwoserukira umugambwe w’aba republicains muri ayo matora, mw’ikoraniro ry’uwo mugambwe ryabereye mu gisagara ca Cleveland.

JPEG - 35.1 ko
Donald Trump yagenywe guserukira umugambwe w’aba republicains mu matora y’umukuru w’igihugu muri Amerika

BBC ivuga ko inyuma yo gutorwa kugira aserukire uwo mugambwe, Donald Trump yashimiye abamutoye abicishije ku rubuga rwa Twitter.

Umukuru w’intara ya Indiana, Mike Pence, akaba ariwe azoba icegera ciwe, mu gihe yotahukana intsinzi.

Abana babiri ba Donlad Trump nabo nyene, hamwe n’umutambukanyi wiwe, bashikirije ijambo muri iryo koraniro.


IGIHE

Messages

  • Congratulations Mr. Trump. Imana ikomeze kukujimbere, uyu Trump kandi Imana irikumwe nawe urevye ukoyatanguye bamuseka arikubu abataribake aramaze kubemeza, rindira rero mukwezi kwacumi narimwe itariki 8 azokubite imbaga aziryezose maze atware America nabandi bayitwaye jewe ndabona ataco bamusumvya kiretse iconibaza bomusumvya nugukubita bakararika ubuhugu biyumviriye bw’Africa gusa, ahonaho abishoboye wewe yozovugati Africa uri continue yigenga idatwarirwa muri continue ya USA.

  • KUBWANJE NDAMUSHIGIKIE NATERIMBERE NKUZINGA YIRAMBIRE NKABAGUMYABANGA

  • icyo kigabo ngo trump wagira ngo kivukana na nkurunziza kuko ibyo bavuga bose nabarwayi bo mumutwe ntibakomeye politic yabo nugusenya no kwica ntakindi bashoboye

  • Turaje bawubaha Nkurunziza yakuye abarundi mukaga kuberiki mwibaza ngoturi muri 72 canke mur 93.Aho mwakora ivyo mwishakiye?Ibigiri i mahama birakunaniye imisaya iruma.Gusubira gukorako ndakurahiye inkoko ingane inka.Nimwihangane na Yesu arogaruka tukiriko.

  • tuzoraba nkubarireko noel na Bonn Anne tuyirira I Bujumbura cane muragabe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.