IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Kun Shan Chun yagirizwa guhemukira FBI

Amerika : Kun Shan Chun yagirizwa guhemukira FBI

mardi 2 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Kun Shan Chun, ni umuhinga muvya "Eletronique", akaba umunyamerika yakorera ibiro bijejwe amatohoza vya Amerika (FBI). Yariyemereye ko yahaye amabanga atari make Reta y’Ubushinwa, igihe yakorera FBI.

Uwo muhinga Kun Shan Chun ni umushinwa afise ubwenegihugu bwa Amerika, akaba yemeye muri sentare y’ i New York ko yahaye Ubushinwa amabanga ya FBI, hamwe n’amakuru y’ingendo z’abakozi b’ico gisata mu bice bitandukanye vy’isi.

JPEG - 60.8 ko
Kun Shan Chun ni umushinwa afise ubwenegihugu bwa Amerika

Nk’uko VOA ibivuga, Kun Shan Chun yagirizwa n’ubutungane bwa Amerika ko yahaye amabanga Ubushinwa kuva mu mwaka w’2011 gushika muri uwu mwaka w’2016.

Uwo muhinga afise imyaka 46 y’amavuka, bikaba bitegekanijwe ko urubanza rwiwe ruzosomwa kw’igenekerezo rya 2 Kigarama 2016.

Kun Shan Chun ashobora gufungwa imyaka ibiri irenga gato.


IGIHE

Messages

  • URI UMUGABO W’INTWARI IMANA IGUHEZAGIRE ABA NYAMERIKA BARIGIZE IBIHANGANGE NIBARINDIRE BARABE INGENE INTAMA YAMBARWA.

  • Nibamuhane uwomuhimbiri ya hemukiye igihugu camuhaye ubuhungiro, akanaronka akazi nkako. aho hantu hagenda abataribo!

  • We Wiyita Morodekai , Twibazako Atabgenke Ufite ! Mbe Wambgawe Umugabo Nkuwo Wubgenge Umwitiy Iki Umuhimbiri ? Weho Uri Umuhi Tanu Imbwa Mujyeri

  • Kurya haba ibihugu bihemukirwa nabavyo bagaha amabanga yibihugu vyabo iyo America ikumva iraryohewe nayo nibone ukuntu bibabaza iyuhemukiwe niwawe. Gusa ibindi bihugu ikibibabaza nuko umuntu nkuwo abayahemukiye igihuguciwe acayiruka akigira muri America kandigihugu avuyemwo kiriko kirasemerera atuwomuntu yarahemukiye igihugu naze ubutungane buramurondera ariko ntimurekure bakaca bakoresha yamashirahamwe yabo bashinga HRW nayandi kuvuga ngontamurungike ngoyogirirwanabo ! Mwibukeko ayomashirahamwe haruburyo usanga ariyo aahinguvu imirwi yinkozizibibi canke abashaka gusenyura ama reta yabo , ayomashirahamwe idakora usanga ashigikiriza abantunkabo mumajambo ngontibabakoreko, bagirabaracafata uwagirizwa nogutezakaguma ayomashirakanwe ukumvarasemereye ngohagarika imigenderanire nikigihugu kiramaze abantu.
    Ubiravye ayomashirahamwe yashiriweho kurwanya ama reta yomubihugu bikenye nokurondera ukohoboneka mwivyobihugu abantu bogarariza bagakora nkivyihebe kugiramuvyemere ibimvuze muzosanga ayomashirahamwe atitaho kuvuga ibibi abobantu bagararije ibihugu vyabo bakora, ahubwo hagize uwufatwa ayomashirahamwe acatera induru, harinaho ibibi bakore bacabavyegeka kuri reta.
    Abantubose rero bagambarira ibihuguvyabo harimwo nuwomuny’America jewe barambabaza.
    Ibaze nawe nkuwomuny’America aciye atoroka akacaza nkaha Burundi ukovyobabaza America !? Icudashaka kokikubako ntikacipfurize uyundi ngokimubeko kuko burababaza cane.

  • Shakagabo wi yita Twarabahinyuye 556 nagomba nkubwire yuko ariwewe atabwenge ufise, wewe iyuba warufise ubwenge, ntuba wa kurikiye ubwije, uhendeshwa akajana, nguje kwica benewanyu ngoniho uzobaho neza, bakubesha ahubwo niho ugiye kuzobonivyago utigeze ubona. jewe nanje ubwe ndinabwo bukwiye ijana kwijana,nzogutumire ushike aho mbaye niho womenya komfise ubwenge,kuko ntaho nzigera shigikira abamenja nkamwe mutaryoye amaraso yabantu mutaronka amahoro mwamihimbiri mwe, ariko azobahumira kabisa.

  • Ahubwo yarakwiy kwicwa ashobora guhemukira uwamukijij bamujer barihesh

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.