IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika n’Ubushinwa bagiye gufashanya ku kibazo ca Korea

Amerika n’Ubushinwa bagiye gufashanya ku kibazo ca Korea

vendredi 1er Ndamukiza 2016, par Jean De Dieu

Korea ya ruguru niyo yavuzwe cane mu nama y’isi yose yerekeye umutekano ku birwanisho vy’ubumara iriko irabera mu gisagara ca Washngton.

Inyuma yo kubonana na Xi Jinping, umukuru w’igihugu w’Ubushinwa, umukuru w’igihugu wa Amerika Barack Obama yavuze ko bose bumvikanye ko bashaka ko akarere gaherereyemwo Korea kishira kakizana, katagira ibirwanisho vy’ubumara, hamwe no gufatira ibindi bihano ruhasha Korea ya ruguru.

Ubwoba bwarongerekanye kubera igeragezwa ry’ibirwanisho vy’ubumara rya Korea ya ruguru, hamwe no kugerageza ama missile.

Obama yari yabonanye kandi n’abategetsi b’Ubuyapani na Korea y’epfo kugira bagire ico bapfundikiye hamwe kuri ico kibazo c’umutekano ca Korea.

N’aho igihugu kigira kabiri gifise ibirwanisho vy’ubumara kitaritaba iyo nama, [umukuru w’igihugu Obama yaragiriraniye ibiganiro n’umukuru w’igihugu Xi Jinping w’Ubushinwa, aho yavuze ko we n’umukuru w’igihugu Xi, bumvikanye gukura ibirwanisho vy’Ubumara mu karere ka Korea, hamwe no gufata ibihano bishasha vyumvikanyweko n’amakungu mu ntumbero gutera igitsure kandi Korea ya ruguru.

Ku ruhande rwiwe, umukuru w’igihugu Xi, yavuze ko Ubushinwa bushaka kubandanya kuvugana no gushira mu ngiro ivyo, ivyo bihugu vyose vyumvikanyeko, harimwo kuza birahura buri mwaka kuganira ibibazo vy’ibirwanisho vy’ubumara.
Bavuze kandi ko bazokorera hamwe mu kuzibira ubutare bakoresha mu gukora ibirwanisho vy’ubumara, no gufasha ko ubwo butara nyene butarwa mu minwe y’abitwaza iterabwoba.
Ariko, akari gahaze muri iyo nama, ni kuba umukuru w’igihugu w’Uburusiya atari ho yari ari.

Uburusiya na Amerika bafise hafi 90 kw’ijana y’ibirwanisho vy’ubumara, kuba rero Uburusiya butayitavye, bishobora gutuma Uburusiya budashira mu ngiro ivyumvikanyweko.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.