IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yahagurukiye kurwanya Ebola

Amerika yahagurukiye kurwanya Ebola

mercredi 17 Nyakanga 2014

Umukuru w’igihugu ca Amerika Barack Obama , yavuze ko isi yose ihanze amaso igihugu ciwe kugira ngo kigire ico gikora mu kurwanya Ebola. Ariko yongeraho ko iki ari ikibazo isi yose igomba guhagurikira yivuye inyuma.

Muri bimwe umukuru wa Reta zunzubumwe za Amerika Barack Obama ashikiriza, n’uko igihugu ciwe kigiye kurungika abasirikare 3000 bo gufasha kurwanya Ebola mu karere irimwo no kwubaka ibigo bijejwe amagara y’abantu. Amerika kandi izonatoza abakozi bakora mu gisata c’amagara y’abantu, bagera ku 500 buri ndwi, ifashe mu gukoresha indege kugira ngo ibikoresho vyo kwa muganga bigere aho bikenewe vuba, inatange n’imfashanyo y’ibikoresho vy’imfatakibanza bikoreshwa mu kwirinda iyo ndwara mu ngo z’abantu.

Tubamenyeshe ko ibihugu Sierra Léone, Libéria na Guinée ari vyo bisinzikajwe cane nico kiza c’indwara ya Ebola, imaze guhitana abantu barenga 2400 muri ako karere. Benshi muri abo bamaze gupfa ni abo muri Libéria.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.