Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yahagurukiye kurwanya Ebola
Amerika yahagurukiye kurwanya Ebola
mercredi 17 Nyakanga 2014
Umukuru w’igihugu ca Amerika Barack Obama , yavuze ko isi yose ihanze amaso igihugu ciwe kugira ngo kigire ico gikora mu kurwanya Ebola. Ariko yongeraho ko iki ari ikibazo isi yose igomba guhagurikira yivuye inyuma.
Muri bimwe umukuru wa Reta zunzubumwe za Amerika Barack Obama ashikiriza, n’uko igihugu ciwe kigiye kurungika abasirikare 3000 bo gufasha kurwanya Ebola mu karere irimwo no kwubaka ibigo bijejwe amagara y’abantu. Amerika kandi izonatoza abakozi bakora mu gisata c’amagara y’abantu, bagera ku 500 buri ndwi, ifashe mu gukoresha indege kugira ngo ibikoresho vyo kwa muganga bigere aho bikenewe vuba, inatange n’imfashanyo y’ibikoresho vy’imfatakibanza bikoreshwa mu kwirinda iyo ndwara mu ngo z’abantu.
Tubamenyeshe ko ibihugu Sierra Léone, Libéria na Guinée ari vyo bisinzikajwe cane nico kiza c’indwara ya Ebola, imaze guhitana abantu barenga 2400 muri ako karere. Benshi muri abo bamaze gupfa ni abo muri Libéria.
Floxella Karire