Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yahakanye kurungika muri Syria abasirikare barwanira (...)
Amerika yahakanye kurungika muri Syria abasirikare barwanira hasi
dimanche 24 Ndamukiza 2016, par
Umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama, yamenyesheje ko ata basirikare barwanira hasi Amerika izorungika muri Syria, avuga kandi ko inguvu za gisirikare zonyene zidakwiye kugira ibibazo biri muri Syria bitorerwe inyishu.
Mu kiganiro yagiranye na BBC, Barack Obama yavuze ko ryaba ari ikosa igihe ibihugu vya Amerika canke Ubwongereza vyorungika abasirikare barwanira hasi, bakaja guhirika ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu wa Syria, Bashar Assad.

Barack Obama akaba yavuze kandi muri ico kiganiro ko yiyumvira ko abarwanyi ba Islamic States badashobora gutsindwa mu mezi icenda asigaje ku butegetsi, akamenyesha ko ico ari ikibazo gikomeye cane, ku buryo ata nyishu yaco yoroshe yohuta iraboneka.
N’aho biri uko, mu rugendo rw’iminsi itatu yarimwo mu Bwongereza, umukuru wigihugu Barack Obama yamenyesheje ko abasirikare mvamahanga barongowe na Amerika bazobandanya ibitero vy’indege ku birindiro vy’abarwanyi ba Islamic States.
IGIHE
Messages
24 Ndamukiza 2016, 11:33, par jtyomku
none babandi birirwa bahenda abarundi ngo america izoza gukura nkurunziza ntibatanguye kujugumira?!!! mwarabonye ko abarundi ari aboguhenda koko!! reta ndatanguye kubona ko iba ikomeye cane.
24 Ndamukiza 2016, 12:47, par Paix
Abakuru b’ibihugu bamwe bamwe bo muri Afrika ngira ntibabimenye ngo bashore abenegihugu babo baje kubacira agafaranga! Nkurunziza, Kagamé, Museveni...ubwo babimenye?
24 Ndamukiza 2016, 14:54, par Vuga
Ntakintu,naamerika,nayonyene,yarabonye,koyahungukiye,kobirikose,itorosiriya,vyabaye,bike,bohahamaera,,ese,bobimeye,afirika,nuko,nakurunziza,asugegerejwe,imbonera,kure,zigire,kuyicira,nzikobarinda
24 Ndamukiza 2016, 18:30, par cakira
Uyumugab obama ariko arisubirako mugucinyiza ibindi bihugu,koyanse kurungika abaso da muri siriya agashaka kurungika inteko mvamakungu mugihugu cacu?ubwo sikagacinyizo muri afrika?afrika ducubwenge !Obama we!twaragutaye kuwamazi.
24 Ndamukiza 2016, 19:29, par kamaro
ee owumumbwira abazane muburundi yobazana yihutacane gose, oya nabajane mu Syria niho haringorane zisumba izuburundi, kumbe!! baraba ahoroshe....natwe tuzoguma tubiyamiriza mpaka....