IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > “Amir Pro” dukunze kwumva mu ndirimbo nguyu uwo ari we

“Amir Pro” dukunze kwumva mu ndirimbo nguyu uwo ari we

lundi 7 Gitugutu 2013

Mu muziki uwo ariwo wose, hama hariho umuririmvyi ariko na none n’uwuhinyanyura umuziki w’uwo muririmvyi. Uwo akaba ariwe bita “umuhinyanyuzi w’umuziki”. Akazi kiwe akaba ari ako gutondeka amajwi y’abaririmvyi, ay’ibicurarangisho vyose biri mu ruririmbo. Mu ntumbero yo kumenya bamwe muri abo bahinga bahinyanyura umuziki mu Burundi, ikinyamakuru canyu IGIHE, kirabashikiriza urukurikirane rw’amakuru kuri abo bahinyayuzi b’umuziki bo mu Burundi.

“Amir Pro” dukunze kwumva mu ndirimbo z’abarundi ni nde?

JPEG - 11.4 ko
Mugisha Amir

Izina ryiwe ry’ukuri “Amir Pro” yitwa Mugisha Amir. Yavutse igenekerezo rya 21 Nzero 1987 mu Buraruko bw’igihugu c’Uburundi mu ntara ya Muyinga. Se ni umurundi, nayo nyina yamuka mu gihugu ca Oman (muri Aziya). Amir yakuriye mu gisagara ca Bujumbura. Yatanguye amashuri matomato muri komine ya Ngagara, ikaritiye ya 3. Aho yarafise imyaka 6. Amashuri yisumbuye yayize kw’ishuri COMIBU (Communauté Islamique du Burundi) ryo muri komine Buyenzi. Igice ca kabiri c’amashuri yisumbuye yacize kw’ishuri ITELETIQUE aho yakurikiranye ivy’ubuhinga bwa none (informatique de maintenance). Aca aheza ico gisata mu mwaka w’2005.

Ibijanye no guhinyanyura umuziki vyatanguye mu mwaka w’2002. Aho yaratanguye igice ca 2 c’umashuri yisumbuye. “Natanguye nkinisha logiciel yo gukora umuziki Fruity Loops”, Amir akaba ariko yagize ikibazo co kumenya uko yatanguye ivyerekeye umuziki. Na cane cane uguhinyanyura umuziki. Ubuhinyanyuzi nyezina yaciye abutangura mu mwaka w’2006 mu nzu y’ubuhinyanyuzi “Studio One”. Amir yibuka intango yiwe agira ati:“Studio One ni aga studio gatoya natanguriyemwo kuri Avenue de l’Université ku gice ca Rohero”. Ururirimbo rwa mbere yahinyanyuye rwamenyekanye cane ni “Uramumbwirira” rw’umuririmvyi Yoya yakoze mu mwaka w’2006.

Mu mwaka w’2007, Amir Mugisha yaciye ahindura inzu y’ubuhinyanyu aja muyitwa Big Sam aho yaciye akorana n’abaririmvyi nka Fizzo n’umurwi Wakali Power ku ndirimbo zabo zamenyekanye cane nka “Watasema sana” na “Usiskie coras”. Uwo mwaka nyene yaciye atumwako mu gihugu c’Urwanda aho yaciye akora mu nzu y’ubuhinyanyuzi yitwa Ubuntu Studio. Aho akaba yakoranye n’abaririmvyi nka Tom Close n’abandi baririmvyi benshi bo muri ico gihugu.

JPEG - 26.4 ko
Mugisha Amir muri Afro Music Studio

Yahindukiye mu gihugu c’Uburundi mu mwaka w’2009, aho yatanguje inzu nshasha y’ubuhinyanyuzi "Inanga Records". Iyo nzu akaba yayitanguye afadikanije n’uwundi yiwa Big Bass (Anselme Bigirimana). Iyo nzu ikaba yaciye imenyekanisha urunganwe rushasha rw’abaririmvyi b’umuziki w’Uburundi nka : Bold Boys, Sat-B, Emery Sun, umurwi Generation 80, Mkombozi n’abandi. Amir Mugisha, agira uw’9 mu muryango wa 19, yuguruye inzu nshasha M.A Production mu mwaka w’2010. M.A akaba ari impfunyapfunyo y’amazina y’uwo muhinyanyuzi Mugisha Amir. Inyuma yo guca mu yindi nzu y’ubuhinyanyuzi yitwa Next Level yaciye aja muri Afro Music Studio muri uyu mwaka w’2013, ari naho agikorera umwuga wiwe wo guhinyanyura umuziki.

Urutoke rw’uwo muhinyanyuzi benshi baravuga ko rudasanzwe. Ivyo nawe nyene akaba avyishirmira. “Ndanezerezwa n’akazi nkora kanatsinda ndagakora ndagakunda. Kwumva indirimbo nahinyanyuye zigenda mu mahiganwa yo muri Afrika y’Ubuseruko zigafata ikibanza biranezera cane”, ayo akaba ari amajambo ya Amir Mugisha.
Indirimbo yakoze zigeze kure no mu mahiganwa mpuzamakungu hariho nka “Rufuku” y’umuririmvyi Kiki Touré.

JPEG - 28.3 ko
Umurwi watanga amanota muri Primusic 2013.

Amir Mugisha aramaze kuronka ubushimwe 3 buhabwa umuhinyanyuzi yakoze neza. Twokwibutsa ko ari we yakoze indirimbo “Reka ntahe” ya Rally Joe hamwe na “Urudubi” ya Mkombozi zose zatumye abo baririmvyi baja mu baririmvyi b’umwaka mw’ihiganwa Isanganiro Awards riba uko umwaka utashe. Uwo muhinyanyuzi yari no mu murwi utanga amanota mw’ihiganwa Primusic 2013, ndetse no mw’ihiganwa Isanganiro Awards.

Umuhinyanyuzi Amir Mugisha ni umusore akunda cane umuziki hamwe n’urukino rwa Judo. Yahoze ari n’umukinyi wa Judo. “Nsinkunda kuririmba ariko nkunda kwumviriza no gukorera abandi umuziki wabo”, Amir akaba ariko ataco yishuye tumubajije ko atarasohora indirimbo yiwe bwite.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.