Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amnesty International yagiriza abajejwe umutekano mu Burundi kwica (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Amnesty International yagiriza abajejwe umutekano mu Burundi kwica (...)

Amnesty International yagiriza abajejwe umutekano mu Burundi kwica abanyagihugu

mardi 22 Kigarama 2015

Amnesty International yagiriza abajejwe umutekano mu Burundi ko bishe abantu barenga 20 kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015 i Bujumbura,inyuma y’ibitero vyabaye ku makambi atatu y’abasirikare.

Mu cegeranyo ca Amnesty International, ivuga ko ubwicanyi bwabaye kw’igenekerezo rya 11 Kigarama bwerekana ko ibintu biriko birononekara gusumba, bukerekana kandi uko abajejwe umutekano bahinduye uko bahora bakora.

Muri ico cegeranyo, Amnesty International ivuga ko uburyo abajejwe umutekano bakoresheje mu kwica abantu badashikanywe imbere y’ubutungane,gusahura no guhagarika uwo babonye wese mu bice bibamwo abashigikiye abatavuga rumwe na Reta, ataho bitandukaniye n’inyifato yahahora.

Amnesty International ivuga ko icegeranyo cabo bagikoze mu kiringo c’indwi zibiri bamaze mu Burundi baje gutohoza.

Benshi muri abo bishwe kuwa 11 ukwezi kwa 12, n’ababa mu duce ahanini higanjemwo ubwoko bw’abatutsi, nk’uko babandanya babivuga.

Ico cegeranyo kimenyesha ko abantu bafatwa n’abategetsi mu bice vyabereyemwo imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza .

Amnesty International ivuga ko, kuva hatanguye imyiyerekano mu mpera z’ukwezi kwa kane, ababa mu gisagara ca Bujumbura, bamenyereye inkuru z’ibiziga bitorwa mu mabarabara.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International rimenyesha ko ukwama abantu bapfa, guhagarikwa no kunyuruzwa hamwe no kwakwa amafaranga ku nguvu n’abajejwe umutekano, vyatumye ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryiyongera mu gihugu.

Inyuma y’ibitero vyabaye ku makambi y’abasirikare,umuvugizi w’igisirikare Colonel Gaspard Baratuza yavuze ko abant 87 aribo bahasize ubuzima bazize kuba bagize ibitero,hamwe n’abasirikare n’abapolisi 8.


Van Naris Mugisha

Messages

  • None iyo Amnesty International ko itigeze ishira ahabona raporo y’abahutu birirwa baricwa ata n’ikirwanisho bafise kuva Uburundi bwikukiye. None abo bishwe bariko bararasa abasirikare hamwe n’apapolisi, mbe mwibaza y’uko about basirikare n’abapolisi ko ata miryango bari bafise? Mbe ntimuzi y’uko hoba hari abapfakazi hamwe n’impfuvyi basize? None amahano Buyoya yakoreye abahutu nta n’umwe atayazi none ninde aramukorako? N’ukuvuga rero Umuhutu niwe nyagupfa hanyuma umututsi niwe nyagukira. Emwe barayamaze bati: Ay’uwundi aryoshe ihotora. Abatutsi nibareke iyo nzira, nibahinduke bemere kubana na benewabo naho basigaye biyita abanyesiraheri. Bamenye y’uko Umuhutu w’ubu siwawundi kiriya gihe bashorerwa n’umujereri umwe w’umututsi kubagandagura.

  • nimwe mubaha ibirwanisho mubonye bibatekurukanye mutanguye kubeshera abajejwe umutekano ngo barishe kandi bivunye umwasi mbe mwashaka ngo igisirikare kiroreze abihevyi nkwisi yose nabo kurwanwa reka guhengama

  • Nimusarire hiyo nabandi baracapfuye

  • Mbega none ko Amnesty International itigeze ivuga kuri babantu 8 bicirwa mu Kanyosha batewe bariko barivuna akanyota !! si abantu bapfuye keneswe abari mu ntambara!!?

  • JEWE ICOMBAZA NIKIMWE MB IRYOSHIRAHAMWE RIF ISICICARO HEHE?KUBURYO RETA YICOGIHUGU YOTEGWA NUMWASI NTIYIVUNE?UKOBIRIKOSE ABASAMA KUMASITE ATANDUKANYE TURAZ UKURI INGABO ZACU NIZIBITUMWAKO

  • Abajejwe Umutekano Barundi Nimubareke Erega Ntakindi Bize Atarukwica None Kobatize Kurima Reka Batumare

  • Abajejwe Umutekano Barundi Nimubareke Erega Ntakindi Bize Atarukwica None Kobatize Kurima Reka Batumare

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.