Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Amwe mu mashirahamwe yerekanye aho ahagaze mu bibazo bihanze (...)
Amwe mu mashirahamwe yerekanye aho ahagaze mu bibazo bihanze igihugu
vendredi 8 Rusama 2015
Mu nama amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike (PISC Burundi, ONELOP, Ligue Izere Ntiwihebure) yatunganije, ayo mashirahamwe yifatiye mu gahanga abateguye imyiyerekano n’abayirimwo biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Muri ico kiganiro, abo bari muri ayo mashirahamwe batunganije, umwe mu batanze ikiganiro, yagarutse ku biriko biraba mu Burundi, aho yagiriza abinyegeza inyuma y’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu guhamagarira abarundi kuja mu myiyerekano, kuri we yita’’Imigumuko’’.
Uwurongoye ishirahamwe Ligue Izere Ntiwihebure, Francois Xavier Ndaruzaniye, aremanga neza ko urwaruka rukoreshwa muri iyo myiyerekano ruba gwanyoye ibiyayura mutwe, kuko ku bw’iwe :’’Ntawoja guturira ama pine, amazu, imiduga ndetse no kugera guturira umuntu afise ubwenge bukwiye’’.

Mwomenya ko hamaze kugaragara ko hari imirwi ibiri y’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike. Umurwi umwe, ukaba ari uwatunganije ico kiganiro, usanzwe ushigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, uwundi murwi w’amashirahamwe ubu wahamagariye abarundi kwiyamiriza ikiringo ca gatatu kuko bavuga ko gihonyanga amasezerano y’i Arusha n’ibwirizwa nshingiro.
Uwo murwi nyene wahamagariye abarundi kwitaba Imyiyerekano, ukaba wagiriza abaporisi gukorana n’Imbonerakure za CNDD FDD mu kurasa hamwe n’ugutera amagrenade, abariko biyamiriza ico kiringo, aho abarenga cumi, bamaze kwicwa.

IGIHE
Messages
8 Rusama 2015, 14:58, par kireko
none mwashaka bavuge gte?bafise inyungu zabo zikingiwe n’ubutegetsi.
8 Rusama 2015, 15:46, par KURI
kORERA UTWO MURYA AYO NAMASHIRAHAMWE YA CNND FDD TURAYAZI
NTA GITI KIBURA AMASAMI
ARIKO UMUZI URUTA ISAMI
UWUSABA NTABURA IBIPFUKAMIRO
NSUMIRINDA ATEMBANA ITU KUMUTWE
IGIHEMU GITA MUKAGA ABAGITOYE KIKIFUKA IZO BAMBAYE
8 Rusama 2015, 17:44, par Nuwera
Mukomere mwebwe izompanuro zanyu zirerekanako muri amashirahamwe adaharanira ivyicaro ahubwo aharanira kumurundiwariwewese yokwubahwa hakubahwa nivyiwe. Ariko bagenzibanyu biyitirirango namashirahamwe adaharanira ivyicaro aramazekubonekako ahubwo asumbwa nabaharanira ivyicaro kuko abaharanira ivyicaro barareka abantu bakadandaza kandi ntibahezango bugare amabarabara , guturiramapine, guturira abantu guhangana nabajejwe umutekano, guhamagarira abantu mumyiyerekano itemewe kandi itanerekana iherezoryayo, ingube muvyondogusa.
8 Rusama 2015, 22:45, par Imvugakuri
Ntakundi mwovuga mbe abo ba polisi barasa abantu ko mutabavuga,mwitegure kuja i lahaye
9 Rusama 2015, 05:39, par Ndabiraaabe
Nkurunziza arishoboye ntakeneye abamufata mu mugongo bo ku rwego mbona nkabo. Mugabo ntafate minenerwe rurya rwete rwavuye muri CPI kuko nirwo rwonyene rushobora kumukanya ayo ntavugiye ngaha kuri iyi site.
9 Rusama 2015, 08:31, par nduwayo
ndaruzaniye we ahaaaaaaaaaaaaa ukuntu akunda ashigikira nkurunziza wogirango basangira nabagore
27 Rusama 2015, 14:34, par mafyeri
emwe biraboneka neza ko ayo mashirahamwe ari mu kwaha kwa CNDD-FDD nta kundi abo bovuga nukuronderera inyaga zabo
27 Rusama 2015, 21:09, par CLAVER
kugoka bibaho nimugoke mugende arikomumenyie ko uheza kugoka ibigori bikera kandi ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka