Accueil > Amakuru > Mu makungu > Angela Merkel uko yitaba ngendanwa, Barack Obama arabimenya
Angela Merkel uko yitaba ngendanwa, Barack Obama arabimenya
lundi 28 Gitugutu 2013
Nk’uko ikinyamakuru Xinhuanet cabimenyesheje uno munsi, insamirizi nyinshi zo mu Budagi zivuga ko Barack Obama kuva mu mwaka w’2010 yari azi ibivugirwa kuri ngendanwa ya Angela Merkel. Ikinyamakuru Der Spiegel kiremeza ko vyatanguye kuva mu mwaka w’2002.

Intwazangabo Keit Alexander, ari we arongoye NSA (National Security Agency), yihutiye kubeshuza iyo nkuru, avuga ko atigeze avugana na Barack Obama mu 2010 ku bijanye na Angela Merkel. Ikinyamakuru c’Ubudagi Bild am Sonntag caratanze kuri uyu w’Imana uheze ivyemeza iyo ntwazangabo yabwiye Obama ko kuva mu mwaka w’2010 bumviriza ibivugirwa kuri ngendanwa ya Angela merkel. Aho abimenyeye, Obama ntaco yakoze kugira bihagarare, yabiretse uko, nk’uko bivugwa n’umwe mu bategetsi ba NSA.
Ku rundi ruhande, Ubudagi bumenyesha ko bugiye kurungika intumwa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri iyi ndwi gusaba insiguro kuri ivyo bagirizwa. Angela Merkel avuga ko gusuma urusaku ataco bimaze atari ugusambura ukwizerana mu migenderanire mpuzamakungu.
Igihugu c’Ubuswisse aho kimenyeye ivyo, cafafashe ingingo yo gukingira amakuru yose ya Leta. Ibihugu bitari bike vy’iburaya nka Espagne, Italie n’ibidi biratanguye kwidogera iyo nyifato igayitse ya Leta zunze Ubumwe za Amerika yo kwiba (gusuma urusaku) ibivugirwa kuri za ngendanwa.

Cherif Nkeshimana
Messages
28 Gitugutu 2013, 14:13, par philemon
sivyiza birababaje niyompanvu bagize ibarura ryamaterefone?
28 Gitugutu 2013, 17:26, par natali
huyu mushingantahe .nabisigure. ibise birashoboka. nugutinyana.?
30 Gitugutu 2013, 06:29, par KIBUMBA
Ababanya politiki bagomba kumvikana bagakora akazi kabo neza! nicyo twebwe abatugare tubasabiye