Accueil > Amakuru > Mu makungu > Arabie saoudite : Salman bin Abdelaziz niwe yasubiriye umwami (...)
Arabie saoudite : Salman bin Abdelaziz niwe yasubiriye umwami Abdallah
vendredi 23 Nzero 2015
Inyuma y’aho umwami w’igihugu ca Arabie saoudite Abdallah aryamiye ukuboko kw’abagabo, uwumusubirira yamaze kumenyekana.

Salman bin Abdelaziz akaba ariwe yaciye agenwa kugira asubire uwo mwami yasandavye ku myaka hafi 90 y’amavuko kuri uyu wa 16 Nzero, uwamusubiriye nawe asanzwe ari mwenewabo basangiye se akaba afise imyaka 79 y’amavuko. Umwami Abdallah rero akaba yinjiye i bitaro vy’iRyad ku wa 31 Kigarama umwaka uheze, amagara yiwe akaba yagumye ameze nabi, ndetse akaba yari yashizwemwo akuma kamufasha guhema.
Uwo mwami akaba yafubwe kuri uyu wa 23 Nzero. Ibihugu bitandukanye nk’Ubufaransa na Reta zunzubumwe z’Amerika bikaba bimaze kwandika vyifatikanya umubabaro n’abanyagihugu ba Arabie saoudite. François Hollande we bikavugwa ko ariko arategekanya urugendo rwo kuja kwifatikanya n’abanyagihugu baho, ariko umunsi akaba atarawumenyesha.

Aristide Nizigire