Arabie Saoudite yahagaritse imigenderanire hagati yayo na Iran

Yanditswe na IGIHE
Kuya 4 janvier 2016 saa 09:36
Yasomwe : 12510
0 0

Umushikiranganji w’imigenderanire mu gihugu ca Arabie Saoudite yamenyesheje ko igihugu ciwe gihagaritse imigenderanire n’igihugu ca Iran,inyuma yaho ahakorera ubuserukizi bwabo ku murwa mukuru wa Iran Teheran haterewe.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno w’Imana igenekerezo rya 3 Nzero 2016, umushikiranganji w’imigenderanire ya Arabie Saoudite n’ayandi makungu Adel al-Jubeir yavuze ko abakozi b’ubuserukizi bwa Iran muri Arabie Saoudite bahawe amasaha 48 ngo babe bavuye mu gihugu.
Adel (...)

Adel al-Jubeir yavuze ko Iran civanga mu bikorwa vy’igihugu ca Arabie Saoudite ibituma haba ivyononekara n’inyubako zisambuka.Yavuze ko kuba abari mu myiyerekano barateye ahakorera ubuserukizi bwabo ari uguhonyanga amategeko mpuzamakungu,akagiriza igihugu ca Iran ko ataco cakoze.

Ukutumvikana kwatanguye inyuma yaho hari umutegetsi mw’idini rya Islam cheikh Nimr Baqer al-Nimr ava mu bwoko bwaba Shiit yishwe anyonzwe kuwa gatandatu igenekerezo rya 2 Nzero 2016.

Kumenyekanisha

1
INTAGOHEKA 4-01-2016 à 17:23

NIMUBIRUKANE NAMWE BIRUKANE ABIWANYU KANDI NAKARE USANGIRA NUWUSHAKA,KANDI MUMENYE KO UBWIGENGE BWIGIHUGU BUTEGEREZWA KUBAHIRIZWA

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha