Accueil > Amakuru > Mu makungu > Australia: Abanyagihugu barahanzwe n’umuriro wa Nyakanga
Australia: Abanyagihugu barahanzwe n’umuriro wa Nyakanga
lundi 21 Gitugutu 2013
Gutangaza ingingo zo mu bihe bidasanzwe mu gihugu ca Australia, kuje mu gihe bimaze kugaragara ko ibintu bigiye kuyangara, aho ubushuhe n’imiyaga vyitezwe kuduga. Mu Burengero bwa Sydney niho hababaye cane, aho n’ubu vyananiranye guhangana niho umiriro umaze gutwara amazu 300.
Kuri uyu w’Imana uheze igenekerezo rya 20 Gitugutu, ubushuhe buvanze n’umuyaga mw’inshi, vyarahungabanije abanyagihugu bo mu gisagara ca Sydney, umuriro nawo uca uza wica n’ivyari bisigaye. Abategetsi bavuga ko ariwo muriro wa mbere ukomeye muri ico gihugu ca Australia kibonye mu kiringo c’imyaka 40.
Izo ngingo zo mu bihe bidasanzwe, zishobora gufasha abariko barazimya guca amatara aho bikenewe ,mu kirirngo c’ukwezi kiri imbere. Abantu baharurwa mu majana, ntibagira aho bakika umusaya.Ndetse bikaba binavurwa ko hari n’abamaze guhitanwa ubuzima n’uyo muriro.

Aristide Nizigire