IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bangladesh: Umuriro wadutse ahasenyutse inzu

Bangladesh: Umuriro wadutse ahasenyutse inzu

lundi 29 Ndamukiza 2013

Umuriro wadutse ahaguye inzu kuwa gatatu i Dhaka, ku murwa mukuru wa Bangladesh, bituma abatabazi badashobora kugera ahari abantu amajana bari munsi y’iyo nzu.

Uwo muriro watewe n’ibintu abatabazi bariko barakoresha mu gukata ivyuma igihe bashaka kurokora umugore yari yaguweko n’ibice vy’iyo nzu. Abo batabazi baje kuvuga ko uwo mugore yaramaze gupfa.
N’abatabazi bane baciye bajanwa kwa muganga kubera uwo muriro wadutse ariko abayobozi bavuga ko bashoboye kuwuzimya.

Hagati aho, igipolisi co muri Bangladesh cavuze ko cafashe nyeninzu zasenyutse Mohammed Sohel Rana, yari warahunze kuva aho izo nzu zisenyukiye. Yafatiwe hafi y’urubibe rw’Ubuhindi, mu gace ka West Bengal. Abantu bari bari aho izo nzu zasenyukiye bacise bakoma amashi bumvise iyo nkuru.

Igipolisi co muri Bangladesh kandi cataye muri yompi ejo abakozi babiri bo mu nganda zasenyutse kuwa gatatu zigahitana abantu barenga amajana atatu..
Bagirizwa ko bari baje kugenzura izo nzu umunsi umwe imbere y’uko zigwa bakavuga ko ari nzima, ko ata kibazo zifise.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.