IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack Obama aricuza kuvyakorewe igihugu ca Libiya

Barack Obama aricuza kuvyakorewe igihugu ca Libiya

lundi 11 Ndamukiza 2016, par egide

Umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Barack Obama avuga ko ikosa rikomeye yakoze mu mabanga yiwe ari ukuba atiteguriye ikiringo c’inyuma y’ikurwa ku butegetsi rya Muammar Kadhafi, mu gihugu ca Libiya mu mwaka w’2011.
Barack Obama avuga ko ikurwa ryiwe ku butegetsi vyatumye haba akajagari mu gihugu.

Barack Obama yaravuze ku vyagenze neza n’ibitagenze neza mu biringo vyiwe bibiri mu mabanga y’umukuru nw’igihugu, mu kiganiro ku mboneshakure Fox News yo muri Amerika.

Barack Obama yavuze ko ibikorwa vya gisirikare muri Libiya mu mugambi w’ugukingira abasivire intwaro ya Kadhafi, vyari bikwirikiye. Inyuma y’uko Kadhafi yishwe, amezi atari make inyuma yuko Amerika n’ibihugu vy’i Bulaya bitanguye ibitero vy’indege z’ingwano, Libiya yagiye mu kajagari ico gihugu kikirimwo gushika ubu.

Imirwi y’abarwanyi yarigaruriye ico gihugu, mu gihe hari inama nshingamateka n’ama Reta abiri bihiganwa mu gihugu.

Libiya kandi yahaye ikibanza abimukira bagerageza kuja mu karere k’i Bulaya baza bavuyemwo.

Umukuru w’igihugu Barack Obama yamenyesheje ko ikintu gikomeye yaranguye mu myaka indwi ari ku butegetsi ari ukuba yagarukiye ubutunzi bw’igihugu bwari bwayanzaye igihe yashikira amabanga arimwo.

Ikindi kintu camuzeye cane, n’iyemezwa ry’itegeko rigenga ukungene abanyamerika bivuza, ryorohereje uburenganzira bw’ukwivuza ku banyamerika imiriyoni n’imiriyoni.


IGIHE

Messages

  • Sentare mpana vyaha imukorereko kuko yishe inzira karengane muri Libia Kandi yanahateje umutekano muke kandi baribabayeho mumahoro bitaruko sentare y’irahe ifutwe kk ikurikirana bamwe abandi ikabareka

  • Mutama Obama, ndagushimiye kuvugishije ukuri kuko kuva America itwarwa naba prezida niwewe ishizehasi aba prezida b’Afrika baribaratejeje imbere ibihuguvyabo akambese bipfuriza Africa yose koyotera imbere.

    Ikindi ntawogushavurira kuko wagendeye kuri politique yabimwe mubihugu vya Bulaya yokuvurunga ibihugu vy’Africa, ayoma reta abiri ubona muri Libia yateguwe nabimwe mubihugu vya Bulaya, ndakwibukije nongaha Burundi abanyaburaya barabigerageje nuko abarundi bababereye umuti wumururazi nahonyene wibagiwe kuhashiramwo kowifashe nabi ku Burundi, kuko warabonyeko ko abari bateguwe na reta yababiligi gukora reta irimuyindi ngaha Burundi ko vyabataye kuwamazi ububamaramaye binjira mumugambi wogukorera genucide abobose bashigikiye reta irongowe nanyene icubahiro Nkurunziza, ejobundi ibindikondavuga wewe canke uwuzogusubirira azobivuga asabimbbazi abarundi igihe abarimwo barakorera genucide ubutegetsi bwuburundi bazokubitwa intahe mugahanga.

  • oya nibindi muzovyicuza, uko nikomusambura ibihugu vyabandi hama mukabaha abatabishoye, ivyo nivyomwifuza kugira muburundi hama abarundi isinzi bongere guturatura. mwirirwa mukitakita inyuma ya CNARED kugirango muiceko mugusambagura uburundi, eeee! uburero turababonyebasha.......CNARED izisubire guhendabantu ngo ikunda abanyagihugu wapikabisa nikimenyamenya iguma isabira abarundi ibihano vyaruhasha...e ubu biragaragaye....

  • Ohooo!ukibikor wibajj ngugize neza none ko wicuza?waribagiy ko arih wavukiy.

  • arakwokera urabibona utararwa muri gihonomu uraturika uburundi bwo bwagutaye kuwamazi

  • Mana uhoraho ibihe vyose, dufashe twebwe abanyafrika kudukurako abakoroni babazungu ubu Mana urabonako barikobicuza kubantu bishe Mana uduhe umutima wokurinda nkuwa Exelence Nkurunziza we yagwanije akagaye kabazungu,utwigizinyuma umutima wa kagame ashaka ko turyana turibamwe akoreshwa nabo bazungu abandi bapresident bafrika baraciye ubwenge havuyemwo kagame nakagwi kiwe Amen!

  • didy ,nagomba ndakwibutse !amerika ntihanwa na sentare mpanavyaha kuko ntirimwo yaranse gusinya amasezerano nicogituma yica igakiza ukwishaka. Mugabo bamubaze OBAMA igihe izokwicuza kuvyo yagomba akorere uburundi ,nuko yasanze abarundi atarabogutamundansa.,batarumuza amenyo amarenge. akagwi ka Sindumuja kagomba gace muryahumye abarundi...."

  • Ivyo nivyo mwifuriza uburundi????? Muzorwa mumuriro, Shetani arakurindiriye.

  • Mboneyeko gukengurukira President Nkurunziza, ari mu bakuru b’ibihugu rares bategereye ikibi ca occident muri Afrika.Tuzikukira igihe tuzoronka abakuru b’ibihugu babwira abazungu bati oya bakemera bagahamwa mbere bagapfa nk’imboneza Khadafi na Nkurunziza.

  • nuhurame ntaco wamariye afurica atari kubamara nogusambura ibihugu biteyimbere nuburundi umutekanno muke bufise niwe wawuteje

  • imana nigarukire buno burndi.Amen

  • Ahubw namaramare abanyagihug yatmy bapfa mur libiya nub bagipfa kubera we IMANA yo mwijuru ize ibamubaze yishinga abazungu yibazako atarabana babandi?mbe abanyafurika tuzokanura ryari?

  • Oya Ahumbwo Imana Imubabarire Cane Kubonayigaye Kuvyoyakoze Ubonana Iburundibokwigaya Nkuwo Amahoroyoboneka Imana Imubabarire Cane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.