Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack OBAMA yashigikiye icese Hillary Clinton
Barack OBAMA yashigikiye icese Hillary Clinton
vendredi 10 Ruheshi 2016, par
Umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yashigikiye icese Hillary Clinton. Barack OBAMA akaba yabikoze inyuma y’ibiri Hillary Clinton, yahoze ari umushikiranganaji ajejwe imigenderanire, ashikanye igitigiri gikenewe c’intumwa zizoshikiriza amajwi mw’ikoraniro rikuru ry’umugambwe w’Abademokrate, mu kwezi kwa Mukakaro.
Barack Obama yakeje Hillary Clinton kuba yinjiye mu mateka, mu kuba ariwe yitezweko kuzoserukira umugambwe w’Abademokrate, mu matora y’umukuru w’igihugu azoba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu kwezi kwa Munyonyo 2016.

- Barack OBAMA yashigikiye icese Hillary Clinton
Nk’uko tubikesha VOA, umukuru w’igihugu Barack Obama yabishikirije kuri uwu wa kane, mu masanamu (Video) yasohowe, ku kibanza ngurukanabumenyi c’abajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ca Hillary Clinton.
Barack Obama yahayagije Hillary Clinton, atangaza icese ko amushigikiye, avuga mbere ko yibaza ko ata muntu n’umwe afise ubushobozi bw’’ukuba umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika, nka Hillary Clinton.
Obama yavuze ko Hillary Clinton afise ubutwari, umutima w’ukwumva abandi, hamwe n’umutima w’ukuragura neza akazi.
Ingingo y’umukuru w’igihugu Barack Obama y’ugushigikira icese Hillary Clinton yahaye inguvu abajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ciwe, mu gihe agiye gushimikira ku gikorwa c’uguhangana, na Donald Trump, yitezwe guserukira umugambwe w’Abarepublika mu matora y’umukuru w’igihugu yo muri Munyonyo 2016.
IGIHE
Messages
10 Ruheshi 2016, 12:41, par SIBOMANA
UWOMUGABO NAHO ASIGIKIYE UYOMUKENYEZI NTACO YAMAZE NTANICO YAFASHIJE AFRIC ATARI GUTERA ZARIBIYA NUKUDURUMBANYA IBIHUGU NUBURUNDI BURIMWO AFATIRA IBIHANO ABAJEJWE UMUTEKANO KANDI BAKORA BIGASHIMWA HAGUFATIRA IBIHANO ABATERA UBURUND TUTIBAGIYE URWANDA RUBAHA INDARO RUBIGISHA IVYA GISIRIKARE TWARAMUHINYUYE IMANA IZIGAME UBURUNDI NABABUBAMWO IDUHE UMUTIMA WOGUKUNDA IGIHUGU CACU
10 Ruheshi 2016, 15:11, par TONA THIERRY
AHO NI VYIZA NANJE NDASHIGIKIYE KO HILAry ATWARA ETATS-UNIS KUKO ARAKWIJE IBISABWA ,UMUKENYEZI NIWE NKINGI Y’ITERAMBERE.
10 Ruheshi 2016, 19:43, par 4545
UYOMUGORE ARIMURITWAMUJERI NTAKWIYE GUTSINDAMATORA
11 Ruheshi 2016, 09:14, par tari
Jewe sabako igihe cogera Barack Obama akabisa abandi kuko ntantwaro yiwe ukobakatuvuze abirabure none obama nigiki yamariye Africa atari ukuturererako ababakuru bibihugu bivyihebe bakirirwa batwicira ubusa gusa mbere jewe shigikiye ko trump wo muba republic kwariwe yotsinda kuko wewe yariyemeje guhasha abobaperezi bigitugi igihe yoramuka atsinze ntavya Obama
14 Ruheshi 2016, 09:14, par Niyo Benit
uyo mugabo nagende ntaco yamariye Afrika atari ukwisuka mubitamuraba agafatira ibihano inzira karengane