Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack Obama yatanguje ikigandaro inyuma y’ubwicanyi bwahitanye bw’abantu (...)
Barack Obama yatanguje ikigandaro inyuma y’ubwicanyi bwahitanye bw’abantu 50
lundi 13 Ruheshi 2016, par
Umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika Barack Obama yategetse ko ibendera ry’igihugu rimanurwa gushika hagati kugira bibuke abasize ubuzima mu bwicanyi bwabaye kuri uwu w’Imana.
Umugabo azwi kw’izina rya Omar Saddiqui Mateen yihaye inkumbi, yinjira mu nzu yo kwidagaduramwo acucagira amasasu mu bantu, yica 50 akomeretsa 53, ivyo bikaba vyabaye mu gatondo ca kare kuri uwu w’Imana, mu gisagara ca Orlando, muri Reta ya Florida.
Mw’ijambo yashikirije kuri uwu w’Imana, Barack Obama yavuze ko ubwo bwicanyi ari igikorwa c’iterabwoba n’urwanko, avuga kandi ko igiporisi ca FBI kiriko kiragira amatohoza.
Umushikirizamanza mukuru wa Amerika, Loretta Lynch, hamwe n’umunyamabanga ajejwe umutekano mu gihugu, Jeh Johnson, bose uko ari babiri baciye bahagarika urugendo bari kujamwo mu gisagara ca Beijing, mu nama y’umutekano n’abategetsi b’Ubushinwa.
Abategetsi bamenyesha ko uwo mugabo yari afise imyaka 29 y’amavuko, yavukiye mu gisagara ca New York, ku bavyeyi bamuka mu gihugu ca Afganistani.
Abantu bashika ku 300 nibo bavugwa ko bari muri iyo nzu y’ubutambiro igihe iryo bara ryagwa.
IGIHE
Messages
13 Ruheshi 2016, 11:01, par MUYAHUDI
EMW ABISI TURAHANZW!