IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack Obama yatanguje ikigandaro inyuma y’ubwicanyi bwahitanye bw’abantu (...)

Barack Obama yatanguje ikigandaro inyuma y’ubwicanyi bwahitanye bw’abantu 50

lundi 13 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika Barack Obama yategetse ko ibendera ry’igihugu rimanurwa gushika hagati kugira bibuke abasize ubuzima mu bwicanyi bwabaye kuri uwu w’Imana.

Umugabo azwi kw’izina rya Omar Saddiqui Mateen yihaye inkumbi, yinjira mu nzu yo kwidagaduramwo acucagira amasasu mu bantu, yica 50 akomeretsa 53, ivyo bikaba vyabaye mu gatondo ca kare kuri uwu w’Imana, mu gisagara ca Orlando, muri Reta ya Florida.

Mw’ijambo yashikirije kuri uwu w’Imana, Barack Obama yavuze ko ubwo bwicanyi ari igikorwa c’iterabwoba n’urwanko, avuga kandi ko igiporisi ca FBI kiriko kiragira amatohoza.

Umushikirizamanza mukuru wa Amerika, Loretta Lynch, hamwe n’umunyamabanga ajejwe umutekano mu gihugu, Jeh Johnson, bose uko ari babiri baciye bahagarika urugendo bari kujamwo mu gisagara ca Beijing, mu nama y’umutekano n’abategetsi b’Ubushinwa.

Abategetsi bamenyesha ko uwo mugabo yari afise imyaka 29 y’amavuko, yavukiye mu gisagara ca New York, ku bavyeyi bamuka mu gihugu ca Afganistani.

Abantu bashika ku 300 nibo bavugwa ko bari muri iyo nzu y’ubutambiro igihe iryo bara ryagwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.