Basketball: Imirwi y’Urunani na Les Gazelles yatahukanye ibikombe

Yanditswe na Cherif Nkeshimana
Kuya 20 Ndamukiza 2015 saa 03:03
Yasomwe : 7137
0 0

Ihiganwa rya Basketball ku rwego rwarangiye mu ntara ya Gitega, imirwi y’Urunani ku bagabo na Les gazelles mu bakobwa n’iyo yatahukanye ibikombe.
Mu gice ca kabiri gishira icanyuma, ku ruhande rw’imirwi y’abahungu, Dynamo yatsinze New Stars amanota: 74- 62, Urunani rutsinda Muzinga amanota: 64-34. Ku ruhande rw’abakobwa, Les Gazelles yatsinze Young Sisters, nayo Berco Stars yihaniza Les Copines 50-38.
Mu nkino za nyuma, Urunani rwahuye na Dynamo, maze rutsinda amanota 73-58, nayo Les Gazelles (...)

Ihiganwa rya Basketball ku rwego rwarangiye mu ntara ya Gitega, imirwi y’Urunani ku bagabo na Les gazelles mu bakobwa n’iyo yatahukanye ibikombe.

JPEG - 98.4 ko
Abakinyi b’Urunani bahejeje kuronka igikombe

Mu gice ca kabiri gishira icanyuma, ku ruhande rw’imirwi y’abahungu, Dynamo yatsinze New Stars amanota: 74- 62, Urunani rutsinda Muzinga amanota: 64-34. Ku ruhande rw’abakobwa, Les Gazelles yatsinze Young Sisters, nayo Berco Stars yihaniza Les Copines 50-38.

Mu nkino za nyuma, Urunani rwahuye na Dynamo, maze rutsinda amanota 73-58, nayo Les Gazelles itsinda Berco Stars amanota 58-48. Gutyo ibikombe vy’umwakaka w’i 2015, bitwara Urunani ku rwego rw’abahungu, na Les Gazelles ku ruhande rw’abagore.

JPEG - 106.2 ko
Les Gazelles bahejeje kuronka igikombe

Mwomenya ko inkino zabereye mu ntara ya Gitega kugira n’izindi ntara zibone ko urukino rw’umupira w’amaboko Basketball, rutiharijwe n’igisagara ca Bujumbura gusa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha