IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Berco Stars yatahukanye igikombe c’inkino z’akarere ka gatanu

Berco Stars yatahukanye igikombe c’inkino z’akarere ka gatanu

dimanche 11 Gitugutu 2015, par egide

Umurwi wa Berco Stars w’i Bujumbura watahukanye ku ncuro ya mbere igikombe c’inkino z’umupira w’amaboko (Basketball) z’akarere ka gatanu (Zone V). Abakinyi ba Berco Stars batsinze mu rukino rwa nyuma umurwi wa KCCA wo mu gihugu ca Ouganda ku manota 63 kuri 52.

Mu nkino zitanu uwo murwi w’abigeme wo mu Burundi wakinye muri iryo higanya ryariko ribera mu gihugu c’Urwanda, zose warazitsinze, igikombe c’akarere ka gatanu gica gitahukana uwo murwi wa Berco Stars.

Umumenyereza w’uwo murwi, Lionnel NKURUNZIZA amenyesha ko iyo ntsinzi itaboroheye, kuko abakinyi b’uwo murwi benshi baba mu gihugu c’Urwanda, bikaba vyaragoranye kubegeranya kugira bimenyereze hamwe n’abari mu gisagara ca Bujumbura, ahasanzwe hari umutekano utifashe neza. Lionnel NKURUNZIZA agashimira abarorerezi b’abarundi n’abanyarwanda batahengeshanije gufata mu mugongo uwo murwi.

Berco Stars ku ruhande rw’abigeme, hamwe na Gezira yo mu gihugu ca Misiri yabaye iya mbere ku ruhande rw’abagabo, akaba ariyo mirwi izoserukira akarere ka gatanu mu nkino za Afro Basketball zizobera mu gihugu ca Angola. Izo nkino zizoba mu mpera z’uwu mwaka turimwo, zikaba zihuza imirwi yabaye iya mbere mu turere iherereyemwo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.