Black Arthur yaratangaye amenye ko uwo bokwubakanye vuba afise ubugeni n’uwundi

Yanditswe na Cherif Nkeshimana
Kuya 2 Mukakaro 2014 saa 02:22
16245
0 0

Umuhinyanyuzi Black Arthur amenyesha ko ubugeni yari yiteze kugira n’uwo bari bamaze igihe kitari gito bakundanye butakibaye. Uwo mukunzi wiwe Black Arthur amwagiriza ko yakurikiye amaronko, akaba ariko yitegura kwubakana n’uwundi.
Black Arthur yariko yitegurira kugira ubugeni n’umwigeme Nadege kandi imyiteguro yari igeze kure. Amakuru dufise avuga ko igihe Black Arthur yategura kwubakana na Nadege, uwo wewe yariko ategura kwubakana n’uwundi mugabo. Ubugeni bwobaye kw’igenekerezo rya 26 (...)

Umuhinyanyuzi Black Arthur amenyesha ko ubugeni yari yiteze kugira n’uwo bari bamaze igihe kitari gito bakundanye butakibaye. Uwo mukunzi wiwe Black Arthur amwagiriza ko yakurikiye amaronko, akaba ariko yitegura kwubakana n’uwundi.

JPEG - 85.8 ko
Black Arthur na Nadege

Black Arthur yariko yitegurira kugira ubugeni n’umwigeme Nadege kandi imyiteguro yari igeze kure. Amakuru dufise avuga ko igihe Black Arthur yategura kwubakana na Nadege, uwo wewe yariko ategura kwubakana n’uwundi mugabo. Ubugeni bwobaye kw’igenekerezo rya 26 Mukakaro, ariko uwo muhinyanyuzi nta munsi uheze amenye ko uwo yahora yibaza ko bagiye kwambikana impeta ariko yitegurira ubundi bugeni.

Muri ayo makuru, Black Arthur avuga ati : "Ncuti namwe bavandimwe murantunga kuko ubugeni bwanje bw’igenekerezo rya 26/7/2014 butakibaye ku mvo z’uko uwo twari kwubakana tutumvikana kumvo z’amaronko, mugabo Imana iriho kandi nizeye ko igiye kumpa uwuzonkunda atari ivy’agahemo. Murakoze."

Ibizobandanya kuri iyi nkuru tuzobibamenyesha mu makuru yacu yo hanyuma.


Kumenyekanisha

1
mossad 3-07-2014 à 13:20

ncuti ihangane ivyo bibaho...gusa niwaba wokwongera kumubona uze umwibutse ko"uheza kugoka ibigori bikera"...kimwe gusa uzoronka uwundi kuko"ikitabuze mu nyovu ni ishinge"...

2
bimenyimana benoit 3-07-2014 à 11:46

jew mbanj kuremesha,uwomusor mugenzi wanj yihangan can.uwo mukobwa ntabwo ,aruwi mana yamu teguriy.yihanganecan,uwi mana yamuteguriy ,azomuronka ,kandi mwiza.nakar bavugat, ubwiza bw,umuko ntiburi kumubir ,buri kumutima.harumugan baca muki rundi ,urondera vyishi ,ukabur nivyo warufis.uwo mukobwa muzoba mumbarira,ivyiwe.

3
Ihorihoze 2-07-2014 à 20:11

Sorry wangu!Ihangane ariko ntugire ikibazo kuko inkumi muri ubu Burundi ziruzuye.Ico womenya kandi ukizera uwo ntiyari rwawe,rwawe aracari quelque part.Hari naho wosanga wagora umurengako araho kubwinjiriro bw’inzu.

4
Mama 2-07-2014 à 18:19

Ntavyogutara imisi birimwo, ariko ivyundashaka kobakugirira ndukabigirire uyundi, uyumusi uhemukiye uwomwarimwemeranije kuzokwubaka urugo mbega ejo uwowizeye nawe yobaguhishiye ibanga ryokukubabaza nkuko ubabaje uwowariwarabesheshe nguramukunda? Ivyiy’Isi ntawovyizera nzobanumva!!!

5
SAMUEL NTIRAMPEBA 2-07-2014 à 16:00

NTIVYARIBIKWIYEGUHEMUKIRA UWOMWASHIMANYE NGONINVOZAMARONKO KUKO AMARONKO ARAHERA MUGABO URUKUNDONTIRUHERA. MURAKOZE.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha