Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Burkina Fasso : Balai Citoyen buca bashigikira abarundi mu myiyerekano
Burkina Fasso : Balai Citoyen buca bashigikira abarundi mu myiyerekano
mercredi 6 Rusama 2015
Ishirahamwe ry’abanyagihugu bo muri Burkina Fasso Balai Citoyen rimenyesha ko buca ryifatikanya n’abarundi bari mu myiyerekano.

Abo bari muri iryo shirahamwe bafashije mu kwomora Blaise Compaoré ku butegetsi mu gihugu ca Burkina Fasso ku wa 31 Gitugutu umwaka uheze, bavuga ko kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 7 Rusama, kuva igihe c’isaha zibiri zo mu gatondo, bazihereza amabarabara, mu kwifadikanya n’abarundi bariko biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Abo bari muri Balai Citoyen, bakavuga ko Petero Nkurunziza ariko ashaka gusubira kwitoza bidahuye n’amategeko, aho abanyagihugu bagera kuri 12 bamaze kwitaba Imana kuva imyiyerekano itanguye, nayo icegera c’umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro akaba yarahunze mu gukiza agatwe.

Ivyo biri uko, mu gihe n’umukuru w’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta ya Kenya Raila Odinga, avuga ko ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko , CEDEAO n’ayandi yoshobora gufatira ibihano igihugu c’Uburundi, mu gihe Petero Nkurunziza atosokora mu kwitoza bidakurikije amategeko.

Aristide Nizigire
Messages
6 Rusama 2015, 14:09, par seruka
Waowwwwwwwwww komera in god we trast
6 Rusama 2015, 15:22, par vuganeza
Ces abrutis ,igihe twari mu kibila barihe izo mburakimazi,nibarabe ivyabo ces connards
6 Rusama 2015, 16:35, par I
Mbemwibaza komu Burundi twogendera kumategeko yokugihugu cabo? Muramaramaje muracurutse kabisa, nayo Odinga nafate ivyobihano uyumusi nawe azobifatirwa nabandi tugiramahora.
6 Rusama 2015, 17:42, par Kirinyota
Vuganeza na I murabesha muragenda. Gutukana ndabona mubishoboye. No kwica abantu. Ivyo sivyo bikenewe pour diriger un pays. Ibihano nvyo vous avez intérêt de ne pas en avoir. Igihugu cabananiye ata bihano bihari. Hamwe bobafatira ingingo naho vyogenda bite. Murapfuuuuuuuyyyeeeeeeee. Dégagez Nkurumbi et son groupe ; vite. Ishamba murata ntawari yabatumye; nabo mwavuga ko murwanira mbona mwarabariye.
6 Rusama 2015, 18:58, par Joe
Mbe Vuganeza wewe ivyawe nugutukana gusa? Mwibaza ko Isi yose ibanka mbe? Erega abantu bararaba, kandi aho ukunda kuzana amoko na macakubiri wewe nabagenzawe, mbere na CNDD FDD nayene ishaka kwitiranya ikibazo ca barundi mugabo naba uraba canke ugasoma ngira ubona ko mubesha canke mugomba abarundi tugaruke mumoko mugabo murihenda umurundi uzi ubwenge afise intumbero ntiyoja mumoko.
6 Rusama 2015, 19:19, par manirakiza
reka mwabantu mwe gusara.Uburundi ntibusa na burkina faso..
les situations ne sont pas les memes.
6 Rusama 2015, 23:43, par buzokira burundibosco
piter arasezera vyanka vyakunda ntiyarusha buyoya umutima ugumye mugabo harahaye amahoro abarundi turimaso nuwutari peter azozana ibidashoboka tuzomwiyamiriza walaia komera turatsinda peter.