IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Cameron azotanga imihoho mu mezi ari imbere

Cameron azotanga imihoho mu mezi ari imbere

vendredi 24 Ruheshi 2016, par Jean De Dieu

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, David Cameron, yamenyesheje ko azotanga imihoho mu misi iri imbere.

Cameron, yiyamamaje cane asaba ko Ubwongereza bwoguma mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, yavuze ko ivyo abanyagihugu b’abongereza bahisemwo bitegerezwa kwubahirizwa.

Berekanye ico bafise ku mutima, igihugu rero gikeneye ubundi burongozi bushasha.
Yavuze ko ashobora kuba aragumye muri ico kibanza kugira ntihabe ihungabana z’inzego mu ndwi ziri imbere, ariko ko uwundi mushikiranganji wa mbere ari we azorongora ibiganiro vy’ingene Ubwongereza bwova mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya.


IGIHE

Messages

  • Ndakeje bimwe bidasanzwe abenegihugu bu Bwongereza bavuye muricogishirahamwe ngo nu Bulaya ndabemeye baranesheje caki numero 666 ndabakeje UK oyeeeeeeee! Oyeeeee.

  • Nibaba harihivyo bitagenda neza nibaveyo

  • Nibaba harihivyo bitagenda neza nibaveyo

  • KUMBURE ISHIRAHAMWE RYIBIHUGU YYABURAYA RYOSAMBUKA, UBURUNDI BWORONKA UBWIGENGE NYAKURI NKUKO ARIGIHUGU CIKUKIYE TURASHIMIYE RERO ABENE GIHU BABONGEREZA KUGIKOGWA CITEKA BAKOZE.!!!

  • Ivyonivyo na nkurunziza yagomba kugira igihe bimunaniriye guhitisha bill imurekurira guhindura ibwirizwa shingiro ahokwiyumvira guhonya abo yarajejejwe gukingira

  • Hoooo nimuvuge make mureke kuvuga ayo mutazi! aba bongereza bobo ni incabwenge. ko bari muri gouvernement imwe canke abari mu mugambwe umwe kandi bakomeye nka Cameron na Boris n’abandi,ntibavuga rumwe bamwe bari bashigikiye kuvayo abandi kugumayo,ariko ntawafashe inkoho ngo yice canke yomore uwundi. abandi barwanisha imitwe n’ivyiyumviro bakubaha amategeko. na Cameron yubashe amateko. Ariko twebwe uwuhonyanga amatego wambere ni nkurunziza. umuntu niwe yiha agaciro. wigize imbwa abantu bagufata nk’imbwa. wihay agaciro ugira agaciro. womarira abantu guhunga abandi ukica uzi nezako uriko uhonyanga amateko hama ngo wokwigereranya n’abandi bantu bazima bubaha amategeko?

  • Murantunge nihenze kuko ahonanditse nkashiraho nyakwubahwa Nkurunziza narigushiraho Kagome nako Kagame.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.